Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutumwa bwo guhoza abakirisu bo mu Kamenge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Ubutumwa bwo guhoza abakirisu bo mu Kamenge

Ubutumwa bwo guhoza abakirisu bo mu Kamenge

mercredi 17 Nyakanga 2014

Inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu bavuka mu gihugu c’Ubutariyano, abakirisu bo muri paruwasi ya Kamenge bahawe ubutumwa n’abasaserdoti babo.

Muri ubwo butumwa abo bakirisu bahawe inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira Lucia, Olga na Bernadette, abapatiri bakaba basavye abo bakirisu ko bosabira abishe abo babikira. Basaba abakirisu bo muri Paruwasi ya Kamenge kuguma bafatanye mu nda, inyuma y’aho bamwe mu banyakamenge bigaragariye ko bashaka kwihanira uwari uwari yafashwe akekwa kugandagura abo batamakazi batatu. Abapatiri batanze ubwo butumwa, bakavuga ko bashimishwa n’uko uyu munsi muri iyo komine hatekanye, n’aho agashavu kari kagaragaye muri bamwe mu bakirisu bari bafise amabuye, amahiri n’ibindi bikoresho vyo kwihanira.

Mukamenya ko muri ico gisabisho, umupadiri yagarutse ku majambo yavuzwe n’umubikira yagandaguwe ubwa nyuma ariwe Bernadette, aho yasaba ko abo bicanyi bakwiye gusengerwa, bakigaya akabi bari bahejeje gukora. Bernadette rero akaba atigeze ahunga, kandi yari ahejeje kubona bagenzi we bagandaguwe bunyamaswa, akavuga ko atari buhunge kandi yazanywe n’igikorwa co kumenyekanisha Umukama. Inyuma y’amasaha make,akaba yaciye nawe agandagurwa aciwe izosi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Vy’ukuri asangwa ari igihugu c’amahoro abishe bakwiye kuriha paruwase kandi barihe n’imiryango yabuze.Asangwa inka irihwa tumenye ko umuntu asumba inka nyishi.Noneho sumwe gusa!Uwo mwicanyi nibamushire muminwe ya reta yabo banyamahanga bamenye uburyo imwihanira,niko ndavyiyumvira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.