IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri (...)

Ubutungane bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa

mardi 8 Mukakaro 2014

Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bamenyesha ko batangajwe n’ingingo yafashwe n’ubutungane bw’Uburundi yo kugumiza mu munyororo umukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa.

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko inyuma y’amasaha 48, ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, ubutungane bumenyesha ingingo bwafashe ku bijanye n’ivyari vyasabwe ko Petero Karaveri Mbonimpa yotezurirwa akaburana yidegemvya, amakuru dufise kandi yemezwa n’umwe mubamuburanira, umushingwamanza Armel Niyongere, n’uko ubutungane bwafashe ingingo yo kugumiza Petero Karaveri Mbonimpa mu munyororo. Ntiturashobora kumenya ico ubutungane bwisunze kugira bumugumize mu mvuto, ariko abamuburanira bakamenyesha ko baguye mu gahundwe bumvise iyo ngingo yafashwe.

Mu ntahe y’icese yo kuri uwu wa gatanu, umushingwamanza Antoine Nzobandora, ari nawe yari arongoye umurwi w’abashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yari yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, canke akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobarinda yasiguriye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka. Abo bashingwamanza bemeye ko naho vyoba bikenewe, ingwati yotangwa, ariko uwo baburanira agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo arekurirwa n’amategeko. Bivuye kuri iyo ngingo yafatiwe, Petero Karaveri Mbonimpa agiye kuburana apfunzwe.

Petero Karaveri Mbonimpa yakwije iminsi 53 apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, akaba ari icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

  • ABASHINGWAMANZA BA PETERO KARAVERI NIBIHURA MUTWE !!!!!!!! IBAZE NAMWE INGENE BAGIYE KURI RPA, BEMEZA KO UBU BAFISE IBINDI VYEMEZO BAZEREKANA MURI SENTARE, ARIKO UMUSI SENTARE YAKORANA BABABWIYE KO URUBANZA RWOBURANISHWA BARAVYANKA!!!!!!!!! NONE GAYEMWE MWUMVA HARIVYEMEZO BARI BAFISE ???????? RPA NAYONYENE UHEREYE KUWAKABIRI MBONIMPA AZOBURANISHWA KUWAGATANU, BIKOZE MUGAHOGO NGO BARAGIYE IKIRIBA KUZANA AYANDI MAKURU SIMUSIGA, ARIKO BARANANIWE NUKUYAHA ABOBIYITA ABASHINGWAMANZA NGO BASHIRE UKURI AHABONA, UWOMUTAMA WIGITO YEMERA GUHENDWA AKUZE ATAHE !!!!! HAHAHAHAHAHA UMUGAMBI WA PACIFIC, VITAL NA MUHOZI URABANDANYA WOKUGUMIZA MBONIMPA MWIBUYE, NABO BARABE KO HARI INFASHANYO BORONKA, KUKO YARI YAZIBAMARANYE HIHIHIHIHIHI

  • Abo bashingwamanza ntibazi ivyo mbonimpa arwaye uretse diyabeti arwaye (nipanga) ariko ivyo ntibivugako yova mwibohero. abo nabo bavugako yotanga ingwati, nibamuharurire ingwati ihuye nibitaro vyakijambere muri komine kabezi aheze atezurirwe. nayahandi nabe araruhuka, akora ama dosiye yabanyororo.

  • Turashimiye ubutungane bwuburundi bwiyambitse agashambara kuko budatamikwa ijambo. Ivyo ndabivuze kubera yama sosiyete politike sivile bavugako yantumwa ya onu, yategetse reta kurekura cagikoresho ca pacific,vital na muhozi mbonimpa. ubutungane bwuburundi kuva 2005 bukora neza kurusha iyindi myaka igihugu catwawe!!!!!!!!

  • Hahhahahahaha,uwo Mbonimpa ashaka guta uburundi mukaga ahendwa nabe aragunye mu gasho nimba aziko afise uburwayi ntibisigurako yoca areekurwa kandi yaragambaniye igihugu ahubwo nibamugumizemwo,radio RPA nayo ikwiye gufungwa kuko iraturira ivuga ibinyoma karyanishamiryango,

  • mbonimpa ubu ngira urabonako vyose bishoboka!!!!!! kwambika ibara abanyagihugu, muri dosiye abeli nshimirimana!!!!!!!! kwambika ibara igihugu mukuzana amafoto yurwimo rwa 1994 rwo mu rwanda. barababesha ngo garariza ubutegetsi ngwishirahamwe ryabulaya, uwuserukira leta zunze ubumwe zamerika ngwazobavugira ihibambewe. iyo batereye amavya hejuru umwumwe wese asama rwiwe!!!!!!! ihangane uzovayo ariko bikwigishe.

  • JEWE NDATANGAYE MBEGA .UBUTUNGANE BUKORESHWA!!! NUKO. NTIBWIGENGA, MUBURUNDI UWUVUGA UKURI NIWE YICWA .UMWICANYI AGAHABWA AGASHIMWE ,IMANA RUGIRA VYOSE IZODUFASHA ABICANYI,ABASUMA,ABASAMBAMYI .............ABAKORESHWA NA MASHETANI......BATUVEKO ,TUBIKUREKO...BAFASHE ABATUTSI NKA NYAMIZI NA NDUWIMANA ,NA GASTO(2),ba JOLIS (MUSAGA)............ NABANDI BATUMWA NA DD NGO BATUMARE ABATUTSI MUNTUNGE NTI MURI BABI MWESE .NAMWE, ABATUTSI BI NTUNGANE INGO TWO MORE DD TWESE HAMWE .ABAHUTU,ABATUTSI,ABATWA,ABAGANWA DUFATANE MUNDA NTIBADUHENDE ,IGIHUGU NICABARUNDI TWESE IMANA IZIGAME UBURUNDI NA BARUNDI.

  • mutama urazi ivyiza wafashije abarundi TURAGUSHIGIKIYE KANDI
    NTANVURA ITAHITA . ABO BA MUHETO NA BANGENZI WE NABONYENE VUBA BAZOKWIRUKIRA NGO UBATABARE............

  • BITEBE BITEBUKE BA JOSPHINE(DD )BAZOHINDUKA BABONE IKIBI KO ARI IKIBI ICIZA KO ARI CIZA mu menye inyuma ya DD tuzoca twinjira muri democratie

    Raba IBURURI HARI DEMOCRATIE NTAMUGABWE WIGANZA WONYENE YOSE IRARONKA KANDI NTAWURYA ARWARA UWUNDI TURABASHIMIYE .BARABOMYE KO UMUBI ATARI UMUHUTU,ATARI UMUTUTSI,ATARI UMU DD,ATARI UMU FNL,ATARI UMU EMSD,ATARI UMU FRODEBU,ATARI UMU PRONA BAbomye ko umubi ARI UMUTEGETSI KUGATWE KIWE NABO AHENZE BAKAMUYOBOKA. KUKO BABOMYE VYISHI .BACA BARUGURUKA MU MITWE YABO .

  • Ms ’Matana et bizohinduka ndashimye ncane ubushingatahe bwanyu nivyiyuviro vyanyu :nimuze twese hamwe twikureko DD igihugu kizoca cogorora umwasi wabarundi siwundi ni DD kuvyiyumviro vyabo vyubugugu ’kwihora’ishari’kwiba igihungu’guhenda abantu ’kwemera ibatashoboka’ kusambanya abana’kufungira abantu ubusa’kwicisha inzara abantu kugira baze kubasega ’kuturira amasoko kugira mumatora bababwire zoguha ikibaza etc rero abarundi mwese ingo twikureko iyintwaro

  • birateyagahinda abacamanza b’uburundi barateyagahinda ariko IMANA IGOMBA KUBAHINDURA

  • Hasha iyo ntunva yumutama,atabona ko rumukurukuye .ashaka guta igihugu mumanga,mukaga nkakamwe twari duhitiyemwo ka zana for de guerre 1000FB kumuntu,uwutayoronse kubera ubukene agaca acishwa kubuhomba,ibikomere tawtewe niyontambara yazanwe nabo bagwanka biyago,nubu ntiturabikira none he namwe yemwe iryo vu ryumu zeee mbonimpa ashoka kudutoneka mugisebe,ahenzwe nayomahanga ya pacifique,RUFYIRI,nyangoma,vital,kazoviyo clotirdat,muhozi,nabo bandi babegito ntarinze kudondagura,mukinda mugaramye canke mwubama,ntimizosubira guhumira igihugu cacu ngo tubihanganire,ndashimiye ubutungane bimwe binvuye kumutima ko bwaraye bwiyambitse umutamana ububereye.niharambe ucamanza bwiza muburundi.

  • MANA fasha uburundi n’abarundi kuko uburundi bugez’ahatemba ninde naho yoba impumyi atumva ibiri mur’iki gihugu? Ntibikinyegejwe ibirwanisho vyaratanzwe none uwomuntu bariko bamuhor’iki? Kuber’iki badashaka ukuri? Kuber’iki bashaka guhuvya abarundi n’amakungu? Bamenye ko impera n’imperuka bizomenyekana kuko har’umusi ubutungane muburundi buzokwidegemvya ntibube bugikorera umurundi umwe cnk akarwi ahubwo bukorer’abarundi bose. Gusa bibuke ko bazobibazwa naho hazohera imyaka n’imyaka.

  • mbega uwo yiyita umwani(DD) ahejeje kwandika !!! ni Umu DD ARAZI ICARI .KANDI NDAMUZI NO MUVUGA MWOCA MUMUMENYA !!!! EREGA NAVUGE KO VYOSE ARIVYIZA BIRA KWIYE KUKO NIWE ABIKORA MUMPISHO. abanyagihugu barakenye , MUGA WE ARARYA AGA SESA AGACA AVUGA NGO BOSE BARAHAZE .BIRABABAJE MU GA turazi ko ariko akorera inda yiwe wenyene . kandi ariko arahinduka nta DD azotora .

  • wew wiyita mwami ubujuju bwawe uzobuvamwo ryari dd isigaje igihe gito wew rindira gato. kandi uw mutama ndaziko azokavamwo kandi guhera kuri petero wanyu muzinjirana yo gusa mwokwitonda kk mur mwebwe harmw abazomwitura

  • wew wiyita mwami ubujuju bwawe uzobuvamwo ryari dd isigaje igihe gito wew rindira gato. kandi uw mutama ndaziko azokavamwo kandi guhera kuri petero wanyu muzinjirana yo gusa mwokwitonda kk mur mwebwe harmw abazomwitura

  • ngo.imyaka 60 arayirengeje! ngo umushikiranganji ngo yaravuze!ohoooooo none bivugweko ivyo yabitumwe nubusaza.icomwomenya nuko muburundi hari abarengeje imyaka 100 ariko mubuzima bwabo batigeze bakora amabi nkayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.