Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani: Abasirikare b’Amerika bariyamirijwe
Ubuyapani: Abasirikare b’Amerika bariyamirijwe
lundi 20 Ruheshi 2016, par
Mu gihugu c’Ubuyapani, abantu baharurwa mu bihumbi barakoraniye hamwe mw’izinga ry’I Okinawa ejo kuwa mungu mu myirekano basaba abasirikare ba Leta zunze ubumwe z’Amerika kwugara inkambi yabo ir’aho.
N’inyuma y’aho haheze amezi ibinyamakuru vy’ico gihugu bitangaza amakuru anegura inyifato itabereye ya bamwe mu basirikare b’Amerika ko banywa inzoga ziboreza bari ku mirimo.
Igisirikare c’Amerika kirwanira mu mazi, mu ntango z’uku kwezi kwa gatandatu cari cafashe ingingo yo kubuza abasirikare baco bari mu Buyapani kunywa inzoga ziboreza no kwiyerereza, hanze y’inkambi yabo.
Umusirikare umwe yarafashwe inyuma yaho akomerekeje abantu babiri mw’isanganya yateye ariko atwarira imodoka ku ruhande rutari rwo bituma agonga izindi modoka zibiri.
Ico gihe Abasirikare bose b’Amerika bari mu Buyapani baciye babuzwa burundu kunywa inzoga ziboreza.
Izinga rya Okinawa niryo ryabereyemwo intambara hagati y’Amerika n’Ubuyapani yahitanye abantu benshi mu ntambara ya kabiri y’isi yose, bica bituma Amerika igumiza abasirikare bayo muri ryo.
IGIHE
Messages
20 Ruheshi 2016, 08:24, par tuyh
abo nibo bashakaga kurungika mubihugu vyacu.
20 Ruheshi 2016, 18:05, par MUYAHUDI
EMW AMERIKA ATARUGUTERA IMIVURUNGANO MUBIHUGU NTAKINDI BASHOBOY NIBABIYAMIRIZ BIRAKWIY
23 Ruheshi 2016, 05:54, par Morodikayi Jon
Ni vyiza kubabuza izonzoga kuko ntamusoda aborerwa! igihe yoba yaborewe agaterwa numwansi ntiyoshobora kwivuna. inzo ni nkura mumubindi,ikagukura mubagabo,Banwe acupa 1 kumusi karamaze.