Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuyapani : Umwami w’abami yasavye gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani : Umwami w’abami yasavye gutanga imihoho

Ubuyapani : Umwami w’abami yasavye gutanga imihoho

lundi 8 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umwami w’abami w’Ubuyapani, Akihito, yisabiye gutanga imihoho, akaba yasiguye impamvu ashimye gutanga imihoho.

Mw’ijambo yashikirije ku Mboneshakure, yavuze ko imyaka afise hamwe n’amagara make bishobora gutuma atarangura amabanga yiwe neza.

Muri kino gihe, nta tegeko na rimwe rirerukirira umwami w’abami w’Ubuyapani kuva ku butegetsi.

JPEG - 24.1 ko
Akihito, Umwami w’abami w’Ubuyapani

Ariko BBC ivuga ko inyuma gato y’ijambo ryiwe, umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yavuze ko azokwihweza neza ku cipfuzo c’uwo mwami.

Umwami w’abami w’Ubuyapani Akihito yari ku butegetsi kuva se wiwe, Hirohito, yitavye Imana mu 1989.

Inkuru z’uko yoba ashaka kuva ku butegetsi zatanguye kumenyekana mu bimenyeshamakuru kuva mu kwezi guheze.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.