Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani : Umwami w’abami yasavye gutanga imihoho
Ubuyapani : Umwami w’abami yasavye gutanga imihoho
lundi 8 Myandagaro 2016, par
Umwami w’abami w’Ubuyapani, Akihito, yisabiye gutanga imihoho, akaba yasiguye impamvu ashimye gutanga imihoho.
Mw’ijambo yashikirije ku Mboneshakure, yavuze ko imyaka afise hamwe n’amagara make bishobora gutuma atarangura amabanga yiwe neza.
Muri kino gihe, nta tegeko na rimwe rirerukirira umwami w’abami w’Ubuyapani kuva ku butegetsi.
- Akihito, Umwami w’abami w’Ubuyapani
Ariko BBC ivuga ko inyuma gato y’ijambo ryiwe, umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yavuze ko azokwihweza neza ku cipfuzo c’uwo mwami.
Umwami w’abami w’Ubuyapani Akihito yari ku butegetsi kuva se wiwe, Hirohito, yitavye Imana mu 1989.
Inkuru z’uko yoba ashaka kuva ku butegetsi zatanguye kumenyekana mu bimenyeshamakuru kuva mu kwezi guheze.
IGIHE