Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi busabwa kwitondera ikibazo c’amatora (...)
Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi busabwa kwitondera ikibazo c’amatora y’abanyeshure
jeudi 24 Gitugutu 2013
Muri kaminuza y’Uburundi mu kigo kiri ku Mutanga, amatora yari ategerejwe ntiyashoboye kuba bivanye n’ukwo haciye haduka akajagari, ndetse na bamwe mu bari bitezwe kwitoza bakaba baciye bava muri ico kigo, kuko bivurwa ko boba bariko baragirwako iterabwoba.
Kuva kuri uyu wa 21 Gitugutu, abanyeshure bari biteze gutora inzego zisubirira izihari kuko ikiringo cazo carangiye. Muri izo nzego rero, bakaba batora umukuru w’ishirahamwe ry’abanyeshure co kimwe n’abandi bazokorana. Ico cuka kibi rero kikaba catanguranye n’ikurwa ku rutonde rw’umwe mubanyeshure yitwa Arsene Arakaza, asanzwe yiga muri IPA, mu gisata c’Ibiharuro mu mwaka wa kabiri. Umukuru w’umurwi w’abarongoye abandi mu mashure, akaba yaramukuye ku rutonde rw’abitoza ari navyo vyoba vyateye icuka kibi.
Ku bwa Audace Hakizimana umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora, avuga ko Arsene arakaza yagirijwe n’abo yoba yari arongoye mu mwaka wa mbere, ko yabivye amafaranga. Kuri ivyo nyene, Etienne Butoyi icegera c’umukuru w’uyo murwi arabeshuza ivyagirizwa Arsene Arakaza, kuko avuga ko vyuzuyemwo ikinyoma gusa mu gihe bose barihamwe bize amakete y’ugusaba kwitoza, akaba atanumwe yigeze ava hasi ngo yiyamirize ukwitoza kwa Arsene Arakaza, canke ngo berekane ayo manyanga yagirizwa.
Amakuru ava mu banyeshure baho ku Mutanga, avuga ko Arsene Arakaza yoba yagirizwa ibindi, kugira ntashobore kwitoza, kandi ivyo yagirizwa n’abategetsi biyo kaminuza boba babifisemwo uruhara. Abo banyeshure rero barasaba ubuyobozi bwabo ko bworeka kwisuka mw’itunganywa ry’amatora.
Kuri ivyo rero Paul Banderembako icegera c’umukuru wa kaminuza y’Uburubndi ntahakana ko bariko barakurikirana amatora y’abo banyeshure. Imvo yabatumye bakurikirana ayo matora, Banderembako avuga ko aribo batanze uburyo bwo gutegura amatora, ikindi muri ayo matora harimwo akajagari ari naco gituma batoraba hirya. Ku kibazo ca Arsene Arakaza, avuga ko uyo munyeshure yagirijwe kunyonora amafaranga ya bagenziwe, kandi akaba anagirizwa ko aciga mu mwaka wa mbere, yoba yashatse kugumiza abanyeshure muri yegereyegere, ari naco gituma yakuwe ku rutonde.
Mu runani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike FORSC, basaba nyabuna ko uyo munyeshure bomureka akitoza kuko mu matohoza FORSC yagize, basanze uyo munyeshure atakimwagira, kuko abomwagirije ubu aribo bamushigikiye. Vital Nshimirimana akaba asaba uburongozi bwa kaminuza y’Uburundi kwitondera ico kibazo kuko gishobora gukwega izindi ngorane muri ico kigo.
IGIHE