Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuzima bw’umugore wa mbere mubi kw’isi bugiye kuvugwa mw’ireresi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ubuzima bw’umugore wa mbere mubi kw’isi bugiye kuvugwa mw’ireresi

Ubuzima bw’umugore wa mbere mubi kw’isi bugiye kuvugwa mw’ireresi

mardi 17 Ntwarante 2015

Ireresi yitwa "A Brave Heart: The Lizzie Velasquez Story" ivuga ubuzima bw’umugore wa mbere mubi kw’isi igiye gusohoka. Iyo reresi izokwerekana ukuntu uwo mugore yagiye arahohoterwa ubuzima, biteye n’ukuntu ari mubi.

Lizzie Velasquez yagiye aravugwa ku mbuga ngurakanabumenyi nk’umugore wa mbere mubi kw’isi, hagiye gusohoka ireresi ivuga ubuzima bwiwe.Uwo mugore afise imyaka 26, aturuka mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika, akaba arwaye indwara yitwa Atrophie ituma yonda cane, agasa na nabi.

Indwara ya Lizzie ntikunda kwibonekeza kandi ibice bibiri kw’ijana nibo barwaye iyo ndwara.

Inkuru iri mw’ireresi "A Brave Heart: The Lizzie Velasquez Story" ni iy’ubuzima bwa Lizzie, ukuntu yagiye arahohoterwa kuva akiri umwana n’igihe yari umuyabaga.Iyo reresi ikaba yasohotse mu buryo bwo kurwanya ihohoterwa ry’ubuzima bwa kiremwa na cane cane gufasha abantu bahohotewe.

Ku myaka 17 gusa y’amavuko, Lizzie yagiye kubona ku rubuga ngurukana bumenyi You tube bamushizeko nk’umugore wa mbere mubi kw’isi.Si ivyo gusa, aho yiga, abandi banyeshure baguma bamutuka, bamutwenga cane. Mu gihe yari umuyabaga, bama bamwandikiye ubutumwa biciye ku mbuga ngurukana bumenyi bamutuka, bamumbwira ngo niyiturire, abandi ngo niyirase ngo aveho.

Ivyo vyose vyaramubabaje ku mutima Lizzie, mugabo ntivyamuciye inenge ahubwo yaciye yiha umugambi wo kubirwanya, aho yagiye akora ibikorwa vyo guhimiriza abantu mu kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, mbere binatuma amenyekana cane kw’isi.

Lizzie avuga ko yahisemwo kubaho anezerewe no gukora uko ashoboye kugira indwara afise ntibe ikibazo canke ingorane mu buzima bwiwe, mugabo ibe nk’igikomere kizotuma abandanya ubuzima bwiwe kandi ubuzima bwiwe buzofashe abandi bafise ivyo bikomere.

Igenekerezo ry’aho iyo reresi izosohokera ntiramenyekana.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.