Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuzima bw’umuhisi Perezida Sipriyano Ntaryamira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Ubuzima bw’umuhisi Perezida Sipriyano Ntaryamira

Ubuzima bw’umuhisi Perezida Sipriyano Ntaryamira

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Nyene Icubahiro umuhisi Sipriyano Ntaryamira, ni umukuru w’igihu c’u Burundi agira kabiri, yishwe mu kiringo kitarenze amezi atanu, inyuma y’urupfu rw’uwo yari ahejeje gusubirira. Co kimwe na Nyene Icubahiro Merikiyori Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu biciye mu nzira ya demokarasi, yishwe inzego yari arongoye zimaze gusenyurwa kuwa 21 Gitugutu 1993, na Sipriyano Ntaryamira yaragerageje guhagararira demokarasi.

Kuvyamuranga, yari umuntu w’umwizigirwa, yakunda abantu no gukora cane kandi yaca bugufi. Yasize umutambukanyi wiwe Sirivana na bana batatu.

Ntaryamira yavutse kuwa 6 Ntwarante 1955, ku musozi Gitwe, zone Mageyo, commune Mubimbi mu ntara ya Bujumbura benshi bakunda kwita Bujumbura Rural. Yize amashure y’intango i Rushubi gushika mu 1968, aca abandaniriza ayisumbuye mu gisagara ca Bujumbura kw’ishure yitiriwe Mutima Mweranda (Collège Saint-Esprit).

Mu 1972 yaciye ahungira mu Rwanda kubera amagume yari ateye mu Burundi, akaba ari naho yabandanirije amashure yiwe mu gisata c’ubuhinga kw’ishure ya Rilima i Kigali. Inyuma y’aho, yabandanirije kuri kaminuza nkuru y’u Rwanda aho yakuye urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’uburimyi mu 1982.

Kumwe na bagenzi we b’abarundi bari kumwe mu mashure aho mu Rwanda, baciye bashinze umuhari BAMPERE igisata ca MEPROBA yari ifise icicaro i Buruseri mu Buburigi, aho akaba yari ashinzwe gutanga amakuru. Muri Kigarama 1979, yatanguje umugambwe w’abakozi (UBU), ari kumwe na MM Salvator Buyagu, Merikiyori Ndadaye, Jerome Ndiho, Festus Ntanyungu, Jean Ndikumana, Siriveseri Ntibantunganya hamwe n’abandi. Aho naho yari ajejwe kwigisha no gukundisha uwo mugambwe.

Muri Ntwarante 1983, niho yatahuka mu Burundi, aca agenwa kuba umuhanuzi mu buyobozi bukuru bushinzwe gutunganya ivy’uburimyi. Muri Nzero 1984 yaciye agenywe kurongora akarere karimwo ipampa mu buraruko, mw’ishirahamwe COGERCO.

Ariko rero, muri Rusama 1985 yaciye yinjira ibohero rikuru rya Mpimba amarayo umwaka ku mvo za poritike aho atigeze aburana na rimwe. Aho yari yagirijwe kuba arongoye urunani rw’abagwanya ubutegetsi mu buryo butemewe n’amategeko ( UBU) ku ntwaro ya perezida Bagaza itavyihanganira na gato. Mbere bavugako yoba yarekuwe bisabwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Bagaza, uwo nawe ngo akaba yari umugenzi wiwe bakiri abana.

Aho rero,niho hashinga mu kinyegero umugambwe SAHWANYA-FRODEBU watangujwe na MM C. Ntaryamira, M. Ndadaye na L. Nyangoma muri Myandagaro mu 1986 i Gitega.

Inyuma yo kuba umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi kuva muri Kigarama 1987, yagizwe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi muri Mukakaro 1993 ku ntwaro ya Nyene Icubahiro Merikiyori Ndadaye.

Inzego zimaze gusenyurwa, umukuru w’igihugu akagandagurwa cokimwe n’umukuru w’Inama nshingamateka hamwe n’icegera ciwe, Sipriyano Ntaryamira yahavuye aba umukuru w’igihugu kuva kuwa 5 Ruhuhuma 1994 inyuma y’ibiganiro vyinshi. Aho yaciye agena Anatore Kanyenkiko kumubera umushikiranganji wa mbere.

Mu bijanye n’imigenderanire, Ntaryamira yari ashigikiwe cane n’ibihugu bibanyi nka Tanzaniya na Zayire, aho yabonanye n’abakuru b’ivyo bihugu nka perezida Mwinyi bahuriye i Kigoma na Mobutu i Gbadolite barabira hamwe ukuntu mu Burundi hogaruka amahoro n’umutekano.

Yitavye Imana ahitanywe n’isanganya ry’indege kuwa 6 Ndamukiza 1994 aho yari avuye kubonana na bagenziwe ku kibazo c’amahoro n’umutekano mu Burundi.


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.