Accueil > Akahise > Ubuzima bwa Rwagasore Louis
Ubuzima bwa Rwagasore Louis
lundi 10 Kigarama 2012
Nk’uko amakuru dukura muri Encyclopedie Libre abitubwira, umuganwa Rwagasore Louis yatangye ubuzima bwa politike ari muto. Yarafise iyerekwa ry’u Burundi bwiza burangwa n’intwaro rusangi. niwe yashikanye iguhugu ku ntahe yo kwikukira. Ntiyikunda, yakunda igihugu, ntiyashira imbere inyungu ziwe.
N’umuhungu w’umwami Mwambutsa n’umwamikazi Thérèse Kanyonga. Rwagasore Louis yavukiye mu ntara ya Gitega italike 10 ukwezi kwa Nzero mu mwaka w’1932. Yatanguye amashure matomato afise imyaka indwi ahitwa mu Bukeye hanyuma abandaniriza i Kanyinya mu ntara ya Gitega. Mu mwaka w’1945 niho yatangura amashure yisumbuye muri Groupe Scolaire y’i Astrida i Butare mu Rwanda, aho yahamaze imyaka 6.
Mu mwaka w’1956,yagiye kwiga muri kaminuza Anvers mu gihugu c’u Bubiligi ariko ntiyahamaze umwanya munini yaciye agaruka mu Burundi gutangura urugamba rwa politike mu gutanguza amashirahamwe yo gukorera hamwe COOPERATIVE. Ico gikorwa caraburabujwe n’u Bubiligi bwariko bukoronisa u Burundi mu mwaka w’1958.
Yashinze urwiwe n’umukenyezi Mariya Rose Ntamikevyo italike 12 Nyakanga umwaka w’1959.
Muri uko kwezi yubakiyemwo urwiwe mu mwaka w’1958, Rwagasore yashinze umugambwe UPRONA arikumwe n’abagenzi biwe biganye harimwo Paul Mirerekano na Thade Siryuyumunsi. Uwo mugambwe wemewe n’amategeko italike 7 Nzero 1960.
Akiva mu gihugu c’u Bubiligi, sewiwe umwami yashaka kumuha gutwara igice c’igihugu c’ahitwa Butanyerera ahatumbereye muntara ya Ngozi, ivyo yaravyanse nyabuna yihebera igihugu n’umugambwe wiwe.
Yahavuye atumvikana na se wiwe, kuko umwami Mwambutsa yihaye ububasha bwo gutwara imigambwe yose italike 8 Ruhuhuma 1960, inyuma y’ukwikukira kwa Congo. Umwami yarafise amakenga ko nawe nyene azohava atembagazwa ku butegetsi aravye ivyari bihejeje gushikira mugenzi we wa Congo. Rwagasore na mugenzi we Mirerekano bari bafitaniye ubucuti bukomeye na Ptrice Lumumba yarahejeje gushikana Congo ku ntahe yo kwikukira.
Rwagasore yarakoranije inama rukokoma y’ umugambwe wiwe UPRONA kuva italike 14 gushika 20 Ntwarante 1960. Yasavye ko hategerezwa kuba ukwikukira mu Burundi gutyo urugamba ruba ruratanguye. UPRONA isaba abanyagihugu kureka gutanga amakori n’amatagisi, kureka kugura ibidandazwa vy’abazungu maze abanyagihugu bahamagarirwa kwinuba abazungu. Se wiwe ntiyasiba gusubiramwo ko ubutegetsi bwose bufiswe n’umwami.
Kuva italike 27 Gitugutu gushika 9 Kigaraama 1960, Rudoviko Rwagasore yafunzwe icamaso, imbere y’amatora y’amakomine yari yateguwe hagati mu kwezi kwa Munyonyo. Umugambwe PDC wari ushigikiwe n’u Bubiligi niwo watsinze ayo matora.
Italike 18 Nyakanga 1961 habaye amatora y’abashingamateka yaracungerewe na ONU. Rwagasore n’umugambwe wiwe UPRONA aratsinda birengeje ku majwi 80 kw’ijana, uwo bahiganwa Font Commun harimwo PDC uratsindwa kuko waronse ibice 20 kw’ijana. PDC ni umugambwe utashaka ukwikura kw’u Burundi kuko wari wegereye ababiligi.
Italike 28 Nyakanga1961, Thade Siryuyumunsi atorwa kuba umukuru w’inama nshingamateka ya mbere mu Burundi, Rwagasore nawe agenwa kugira ashinge Reta nshasha yategerezwa gutegura ukwikukira kw’igihugu.
Yahawe amabanga yo kuba umushikirangoma wa mbere italike 29 Nyakanga 1961. Pierre Ngendandumwe nawe acaba icegera c’umushikiranganji w’ubutunzi, muri Reta yarimwo abashikiranganji 15. Igisirikare cagumye mu minwe y’ababiligi.
Haheze ukwezi kumwe ashinze Reta kandi hasigaye amezi 8 ngo habe ukwikukira kw’u Burundi, italike 13 Gitugutu 1961, umuganwa Rudoviko Rwagasore yaciye yicwa iruhande y’ikiyaga Tanganyika ari mw’i Hotel. Umugiriki Kageorgis niwe yamwishe abitumwe n’indongozi z’umugambwe PDC batavugarumwe na Rwagasore. Mu bantu batunzwe agatoke harimwo umutware Baranyanka yava munda y’ingoma ku mwami Ntare.
- abishe Rwagasore harimwo Kageorgis
Italike 2 Ndamukiza, abishe Rwagasore baciriwe urwo gupfa. Kageorgis yishwe arashwe ku mugaragaro italike 30 Ruheshi,imbere y’uko haba ukwikukira, italike 1 Mukakaro 1962. Italike 15 Nzero 1963,abandi bafashije mu kwica Rwagasore baranyonzwe I Gitega. Muri bo harimwo umutware Baranyanka, Ntidendereza na Birori.
- Ahiciwe Rwagasore kuri Hotel Tanganyika
Haheze iminsi mikeya Rwagasore asezeye isi, umugambwe UPRONA wacitsemwo amashami abiri mu mwaka w’1962. Umugera w’amacakubiri hagati y’abatustsi n’abahutu uca uratangura kwaka indaro ariko abatutsi bagumana ubutware. Guhera mu mwaka w’1966 ubutegetsi buba ubw’umugambwe umwe UPRONA.
Indoto za Rwagasore zo kugira u Burundi bwigenga,bwunze ubumwe kandi burangwa n’intwaro rusangi ziba zinigiwe mu menshi. Intwaro za gisirikare zifata ubutegetsi ku nguvu zirakurakuranwa kuva mu mwaka w’1966 gushika mu mwaka w’1993. Kugira zigumane ubutegetsi nticabuza ko zisesa amaraso.
Intwaro yitorewe n’abanyagihugu yagiye kujaho mu mwaka w’1993 aho hatorwa umukuru w’igihugu w’umuhutu Melchior Ndadaye, nawe nyene yishwe amaze amezi atatu ku butegetsi. Intambara ifatiye ku bwoko iba iratanguye imara imyaka irenga 17.
Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzakungu ONU casohotse mu mwaka w’1996, kivuga ko abatutsi barenga ibihumbi amajana 300 bishwe mw’ihonyabwoko ryageguwe n’abahutu. Kivuga kandi ko hariho n’abahutu batemera uwo mugambi nabo nyene bishwe.
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
6 Ruhuhuma 2013, 07:15, par samusure
None ko twumvise ico cegeranyo ca ONU ivyo cavuze nyimba biruko nca mbona ko cakorewe aha i bujumbura kuko hapfuye abantu ku mpande zose ariko urumva ko coco cemeza ko ata mututsi yishe. ni hatali ahubwo
19 Ndamukiza 2015, 16:01, par Niyonzima Isais
Birambabaje Cane Uko Bamwishe Yapfanye Iteka Ku Mana Nabarundi Ndakengutse Imyiza Yagize.
3 Nyakanga 2015, 15:24, par Igiraneza
Ahubwo Imana Isimwe Ko Onu Yèmeza ko Atamututsi Yise.Ico Nsaba Nsaba Imana Iharure Amaraso Y’abahutu Kuri Onu
9 Kigarama 2015, 09:21, par Christophe ininahazwe
LOUIS NTIYARAFISE UMUMUGORE? MBE YARAFISE ABANA BAGAHE? YARIVUKANA?
7 Nzero 2016, 13:00, par Ndi Kamo
None Rwagasore Ntamwana Yasize? Umfashawiwe Aracariho?Itariki01/07/1962 Ntiyakiho
17 Ruhuhuma 2016, 22:05, par Kubwimana gilbert
none ko bamwishe biyumvira ko ariyo yari kuba inyishu?Iyo batamwica biba biri gute?
17 Ntwarante 2016, 11:08, par Ernest bavuma
Mbe ko bavug ngo munyum yurupfu rwa melchior ngo hapfuy abatutsi 300ml abahutu nabo hapfuy abangana gut ko nzi arib bapfuy ar bensh cne ark atanakimw babivugak!ha emw ni danger
20 Ntwarante 2016, 08:43, par tuyisabegibril
dufatane,twubake,igihugucacu
21 Ndamukiza 2016, 22:01, par NTUNZWE NIMANA
NUKURI YARINWARI
30 Ndamukiza 2016, 18:51, par Nifasha anicet
Cahiye Kuva Kera!Arko Tuzobihindura.Yamara Turabe Neza Kk Abo Bazungu....
12 Rusama 2016, 20:13, par Ndi Jean_marie
Uworwagasore Yarafise Abana Bangahe ? Umugore Wiwe Yitwa Nde ? Twereke Ifoto Yiwe
31 Rusama 2016, 15:00, par Fabro
Uwo Mushingantahe Yar Intwari Idasanzwe Mbega Yemw Abo Murikigih Ca none Ntacovyokwigisha.Burya Hapfuye Gwagasore Ba Gwagasore Ntibazoher Kuko Baheze Imana Yoca Idufuta.
4 Ruheshi 2016, 20:20, par METODE
NONE GWAGASORE NTAMWANAYARIBWARONKE?
4 Ruheshi 2016, 20:21, par METODE
NONE GWAGASORE NTAMWANAYARIBWARONKE?
9 Ruheshi 2016, 12:56, par SAMSON
NONE GWAGASORE YAVUTSE GUTE?YITWAYE GUTE MUBWANA BWIWE?
4 Mukakaro 2016, 22:56, par Sinzinkayo
Mbega Ko Intambara Yabaye Ishingiye Kubwoko Hapfuye Abahutu Bangahe?
4 Mukakaro 2016, 22:57, par Sinzinkayo
Mbega Ko Intambara Yabaye Ishingiye Kubwoko Hapfuye Abahutu Bangahe?
11 Nyakanga 2016, 22:53, par THEOPHILE
TURABASHIMIYE KURIYO NKURU MUDUHAYE
23 Nyakanga 2016, 21:16, par Cyriaque Bayavuge
Mbega Rwagasore Louis yarigeze atwar’igihugu?Komutang’igitigiri c’abatutsi bapfuye ntabahutu bahitanywe nihonya bwoko?Boba banganiki?
13 Gitugutu 2016, 12:18, par Alexis
Mbeg ko hariho abavug ko Rwagasore ya tsiruriwe numugore nivyo?
13 Gitugutu 2016, 20:03, par Bakire Germain
Hari Hageze Ko Abarunditugarura Akenge Tukubaka Igihugu Cacu Tutaravye Inyungu Zacu.Maze Umuganwa Rwagasore Louis Akatatubera Akarorero.
28 Munyonyo 2016, 13:30, par Bizumuremyi Eric
Imana N’igarukire Uburundi Kuk Ataruko Uwomugera Wubwoko Ntuzova Mubantu
28 Munyonyo 2016, 13:33, par Bizumuremyi Eric
Imana N’igarukire Uburundi Kuk Ataruko Uwomugera Wubwoko Ntuzova Mubantu,nonese Kobavugako Mwihonyabwoko Hapfuyabatutsi Ibihumbi 300 Mbega Ntabahutu Bapfuye?Ntabahutu Bishwe?Bomubatatanze Igitigiri Cabahutu Bishwe?Bisigurako Abahutu Bishwe Cane Kugeraho Batamenya Nigitigiri Cabo,vyose Imana Niyomucamanza
8 Nzero 2017, 19:19, par Sabufu
Baden powell yandits msg at ntuze usige isi uko wayisanze ahobw uzugire ico wongeyeko ciza, kanagatsinda Tothème RWAGASORE yayihahw abikwiy kuko yakoz ibikora inka. Hama j nasomy mbon nubund biracagoy none se ko muvuga amacakubir abarundi turi ubwok butatu ntihenze, sinz ngira abatwa barorohewe kuk yab batorohew bavug amacagutatu.hama abarund twariz ubu turaciy ubweng ntawugihendw ng yic mugenziw amuhor ubwok ivyo twarabiserey muz dufatane munda dukundane.
20 Ruhuhuma 2017, 15:28, par Irankunda Willison
Jew Bar Kubahamba Babona
4 Ndamukiza 2017, 17:25, par MISIGARO STANY
JEWE NDASIMA IYONGING BACIYE BAFAT YOKWICA ABOBANTU
4 Ndamukiza 2017, 17:26, par MISIGARO STANY
JEWE NDASIMA IYONGING BACIYE BAFAT YOKWICA ABOBANTU
18 Ndamukiza 2017, 20:16, par Gordien Giheta
Intambarayamyehope!Nonentitwohebangodusoneranire Umuganwa Rwagasore Intsinziyiwe Ntizokwibagirwa
22 Ndamukiza 2017, 21:35, par Didier
Nukur Twes Iyo Twab Twiyumv Nkuw Muganw Atari Umugan Igihug Twogifash Mund.
7 Ruheshi 2017, 07:24, par Bumwe
Abarundi Dukwiy Gutahura Ko Amaraso Yamenets Nubu Adasibasiba Guseseka Biva Kuri Politique Mbi Canke Ubutegetsi Bubi Bukinisha Imirwi Y’abantu Bakabatazira Amazina Ngo Naba Cnke Nibariya Ivyo Navyo Bibafasha Kurambira Kubutegetsi Ntihagire Icobabumarira Ariko Bakaba Nkakurya Kwifunya Mugiterwa Nayahandi Umurwi Wose Watakaje Abantu Je Mvuga Nti "twarahomvye Igihugu Carahomvye" Yaba umuhutu,yaba umututsi Yapfuye Twumve Neza Twarahomvye. Bivanye Nivyo Nize Biranga Umbwoko Ntabwo Muburundi Buhari Abantu Nibamwe
7 Ruheshi 2017, 07:30, par Bumwe
Abarundi Dukwiy Gutahura Ko Amaraso Yamenets Nubu Adasiba Guseseka Biva Kuri Politique Mbi Canke Ubutegetsi Bubi Bukinisha Imirwi Y’abantu Bakabatazira Amazina Ngo Naba Cnke Nibariya Ivyo Navyo Bibafasha Kurambira Kubutegetsi Nugukingira Inyungu Zabo Ntihagire Icobabumarira Ariko Bakaba Nkakurya Kwifunya Mugiterwa Nayahandi Umurwi Wose Watakaje Abantu Je Mvuga Nti "twarahomvye Igihugu Carahomvye" Yaba umuhutu,yaba umututsi Yapfuye Twumve Neza Twarahomvye. Bivanye Nivyo Nize Biranga Umbwoko Ntabwoko Muburundi Buhari Abantu Nibamwe
2 Myandagaro 2017, 20:12, par Nduwayezu Elyse
Yari Intwari Uwomushingantahe.Uburund Bukny Abashingantah Nka We;Kugira Ngo Busubire Kumurongo Gutyo Abarundi Twongere Gufatana Munda.
1er Ntwarante 2018, 12:59, par Nzambimana Alexis
Aho Mwico Cegeranyo Baduhaye Igitiri C’abatutsi Bapfiriye Muntambara Z’amoko Inyuma Yukwicwa Kwumuganwa RWAGASORE Louis ; Kubwoko Bwabahutu Ntabahasize Ubuzima ?
16 Myandagaro 2018, 06:42, par Niyibaruta Elyse
Nukur Ndashimiy Umuganw Atar Umugan Rudoviko Rwagasore Kuvyiza Yakoze Arko Nubwo Yabikoze Abarundi Ntabwo Tubikwirikiza Sinzi Impamv Nn Uwomugambw PDC Warurongow Nabazung?Arik Nubwo Bavuze Igitigir C’abatuts Bapfuy Abahut Ntibapfuy?
27 Nyakanga 2018, 13:49, par NKURIKIYUMUKAMA THIERRY
Naj Nipfuza Kuzohagararira Umutekano Mugihugu,ndabifashijemw Ni MANA UMUHIS WAC GWAGASORE TUMURINYUMA
27 Gitugutu 2018, 23:12, par ndihokubway vianney
Andika hano jewe icobon nukwo abarundi twokwikuramwo uwomugambi mubi wamok