Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwa mbere muri kahise umutwe w’umuntu uzoterwa ku kindi gihimba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubwa mbere muri kahise umutwe w’umuntu uzoterwa ku kindi gihimba (...)

Ubwa mbere muri kahise umutwe w’umuntu uzoterwa ku kindi gihimba c’umubiri

dimanche 20 Nyakanga 2015

Mu mwaka w’ 2017, abaganga b’abahinga mu kubaga indwara zo mu mutwe Sergio Canavero ava mu gihugu c’Ubutariyano na Ren Xiaoping ava mu Bushinwa, barategekanya guhindurira umutwe umurusiya yitwa Valery Spiridonov, arwaye indwara idakira ifata ku mutsi w’igiti c’umugongo ugahura n’ubwonko.

Abo baganga bamenyesheje ko bagiye guhindura umutwe wa Valery Spiridonov w’imyaka 30, yemeye ko umutwe wiwe ukurwako ugashirwa ku kindi gihimba kubera arwaye indwara ituma umuntu amera nk’uwudafise amagufa.

Sergio Canavero na Ren Xiaoping bazokorera ico gikorwa muri Kaminuza y’ubuvuzi yitwa Harbin Medical University, iri mu buraruko bw’intara ya Heilongjiang mu gihugu c’Ubushinwa.

Canavero yagize ati: “Ubushinwa bushaka gukora ibi kugira , buzoronke igikombe citiriwe Nobel (Prix Nobel), bufise inyota yo kwerekana ko bufise iterambere n’ubuhinga bwa none mu buvuzi.”

Ku rundi ruhande, ico gikorwa kizotwara amafaranga angana imiliyoni 11 z’amadorare y’abanyamerika mu gihe bazoba babonye igihimba kizojana n’uwo mutwe nkuko bitangazwa n’Ikinyamakuru Uproxx.

Abantu benshi barashaka gutanga bimwe mu bice vy’umubiri wabo, ariko abashaka gutanga igihimba cose ni bake.

Biramutse bikunze, ico gikorwa kizotwara amasaha 36, kandi iyo izoba ari intambwe ikomeye ubuvuzi buzoba buteye.

Hari abantu batemera ko ivyo bizoshoboka, ariko Canavero yababwiye ko ivyo biyumvira ata bwenge burimwo.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.