Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwiza bwa Oprah Winfrey bwatumye havuka amajambo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwiza bwa Oprah Winfrey bwatumye havuka amajambo

Ubwiza bwa Oprah Winfrey bwatumye havuka amajambo

mardi 29 Nzero 2013

Ryoba ari ibanga ry’ubuto bwa Oprah Wifrey ? Abantu bari bazi ko vyose babibonye.Oya,ubu haje ibindi.Amavuta ava mu gihimba kimwe mu bigize igitsina c’umugabo yarabonetse.

Ayo mavuta atuma umubiri wiyubura biciye mu kwongereza inkabuzo zituma umubiri uboneka ko ukiri muto,utuma kandi umuntu asa n’uwudafise imyaka myinshi naho nyene yoba akuze.

JPEG - 11.4 ko

N’aho rero ari mu bantu barwanya amabi akorerwa abakenyezi harimwo nko kubaca ibihimba bimwe bigize igihimba c’irondoka.Ivyo bamwe bakaba bavuga ko bitumvikana.
Muri abo harimwo Glen Callender yatanguje umugwi Canadian Forskin Awareness Project,aho yerekana amakenga afise.Avuga ati:«Ni mwiyumvire namwe ingene Oprah yari kuvyakira iyo aza yumva ko hari amavuta y’abagabo akozwe mu bihimba vy’irondoka vy’abana bato b’abakobwa.Vyari kuba biteye isoni ariko vyari gusigurika.»

JPEG - 25.1 ko

Naho bimeze gutyo,ivyo bihimba vyakoreshejwe mu guhingura ayo mavuta ntivyavuye ku bantu babifise ariko vyavuye mu mahinguriro akorerwamwo ibintu nk’ivyo.Nk’uko rero amavuta menshi aba yavuye mu bintu bitandukanye ntaworeka kwibaza ko iciyumviro co gukoresha amavuta cavuye mu bikorwa vy’abashakashatsi.

Ubuhinga rero bwarateye imbere kugirango bufashe abagore bamwe bamwe bashaka kunyegeza imyaka bafise babicishije mu gukora imibiri yabo bakayisubiza ubwiza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.