Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza : Amakori agiye kugabanurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza : Amakori agiye kugabanurwa

Ubwongereza : Amakori agiye kugabanurwa

lundi 4 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji George Osborne, ajejwe ubutunzi mu Bwongereza, yipfuza kugabanya amakori ku bagwizatunga, inyuma y’ingingo yo kuva mu Bumwe bwa Buraya iheruka gutorwa muri kamarampaka n’abanyagihugu b’Ubwongereza.

Umushikiranganji George Osborne yasiguye ko ivyokwisungwa mu kugabanya ikori ku mashirahamwe n’amahinguriro, rikava ku bice 20 kw’ijana rikaja munsi y’ibice 15 kw’ijana.

JPEG - 47.6 ko
George Osborne, umushikiranganji ajejwe ubutunzi mu Bwongereza

Kubw’uwo mushikiranganji, ivyo bizotuma Ubwongereza buja ku rugero rwa mbere ruto rw’amakori ugereranije n’ibindi bihugu bitunze kw’isi.

BBC ivuga ko intumbero y’uwo mugambi yoba ari ugushaka kuresha abagwizatunga batewe n’ubwoba kubera Ubwongereza buherutse guhitamwo kuva mu Bumwe bwa Buraya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.