Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza bwatoye kuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya
Ubwongereza bwatoye kuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya
vendredi 24 Ruheshi 2016, par
Ubwongereza bwatoye kuva mu muryango w’ibihugu vya Buraya, nk’uko igice kinini c’amajwi nka yose amaze guharurwa kivyerekana.
Ibimenyeshamakuru nka BBC, ITV na Sky News vyo mu Bwongereza vyose bitangaza ko abanyagihugu bahisemwo kuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya. Abaharurwa mu bice 52 kw’ijana akaba aribo bavyemeje.
Umugwi utunganya ayo matora watangaje ko abanyagihugu batoye bisunze ibibazo vy’abimukira, ubwigenge bw’igihugu, umutekano, hamwe na kazoza k’ico gihugu muvy’ubutunzi.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron yari mu basaba ko Ubwongereza bwoguma mu muryango w’ubumwe bwa Buraya.
VOA ivuga ko abakurikiranira hafi ibibera mu Bwongereza bari bavuze ko mu gihe abanyagihugu botora kwitandukanya n’uwo muryango, David Cameron, azoba atakaje icizere abanyagihugu bamufitiye.
Imwe mu ngaruka iyo ngingo imaze gutera, n’uko ifaranga ry’Ubwongereza rya Pound rimaze gukoroka ku bice 5 kw’ijana ku murwa mukuru Londres.
IGIHE
Messages
24 Ruheshi 2016, 09:27, par Pontien
Ubumwe bwa Bulaya burashobora gusambuka igihugu cose kikigenga mu myaka iri imbere.
24 Ruheshi 2016, 09:29, par kariyo
Piers Morgan †@piersmorgan 2m2 minutes ago
OFFICIAL: Prime Minister David Cameron announces his resignation. @GMB
24 Ruheshi 2016, 09:50, par willynshimirimana
NAHO NTARUMWONGEREZA NAJE NDABISHIMYE
24 Ruheshi 2016, 12:01, par MUYAHUDI
EMW NAMWEBW MWARIMUNYOTEW KUVAVANURA NIVYIZA KOMWAVYISHIMIY
24 Ruheshi 2016, 14:11, par K
Baruhuka kukomeza kugendera kumategeko yikigabo kiraho ngo ni Luois Michel.
24 Ruheshi 2016, 16:57, par Kanyosha
Mugiseneza mwebwe benegihugu cu Bwongereza gutora kuva mubumwe bwubulaya.
Ubunaho turiko turasengera amatora yabany’America kugira bazotangaze beshi mukwitorera Trump abariwe abukuru wa USA maze azohindure iy’Isi abantubumirwe ikigihe tugezemwo nicamahinduka kw’Isi yose.
24 Ruheshi 2016, 18:17, par INTAGOHEKA
IYOMIHIMBIRI YABANYABURAYA NIYISANZURE IREKE IBIHUGU VYIGENGE NUBURUNDI BUDASIGAY INYUMA KUKO NABWONYENE BWAREREKANYE KO ARIMUJERI NKABANDI UBUHO NIZEREKO BATARYANAMAVYI NYAKUBAHWA NKURUNZIZA NGONIWE ARIKO ARABACAMWIMIGWI.KANATSINDA UBONAKO ARIWE ASIGAY ATINYITSE UBWONGEREZA OYE! NKURUNZIZA NABAGUMYABANGA KOMERE MUGUME KUMAVI INTSINZ IRIHAFINAKARE IYURUGAMBA RUKOMEYE RUBA RUGIYE KURANGIRA KAZIMA BATANGUYE GUCANAMWO OYEEEEE!
25 Ruheshi 2016, 03:46, par ibirofa
Aba DD muri ibirofa
26 Ruheshi 2016, 10:08, par CAKIRA
kakantu ngoni tari kanyemwo abo muriko mwishimiriza bariko bacanamwo.urucira mukaso rugatwara nyoko, nabado mumezi atatu naho ubufaransa buzoba bwabavuyeko,bandanya muvuruga afrika KADAFI mwishe azobahumira ntituzokwibagira ukuntu mwateje imigumuko mushigikira aba puciste nabicanyi mukubaha ubuhungiro nukubaha ubushimwe kuko bagerageje kwica benshi harya tuguma kumavi dusengera YEHOVA IMANA afrika iruhuke
27 Ruheshi 2016, 13:37, par edmond
ubumwe bwa burayaa nibusambuke nkuko bashaka gusambura uburundi hanyuma afrika nayo yiyunge tugire ijambo