Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubwongereza bwemeye gutanga imfashanyo ku mpunzi z’abarundi mu (...)
Ubwongereza bwemeye gutanga imfashanyo ku mpunzi z’abarundi mu Buganda
mercredi 16 Kigarama 2015
Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe umugabane wa Afrika, James Duddridge, amenyesha ko amakungu akwiye gukorera hamwe mu gihe habaye ibibazo nk’ibiri mu Burundi.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru w’Ubuganda Kampala,James Duddridge yavuze ko igihugu c’Ubwongereza kitoshobora kurungika abasirikare bo kubungabunga umutekano mu Burundi ariko ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ariryo ryorungika abasirikare mu gihe vyokenerwa.
James Duddridge yabishikirije mu rugendo arimwo mu karere k’ibiyaga binini,mu ntumbero yo kwihweza ibibazo vy’umutekano hamwe n’impunzi,hamwe n’ico igihugu c’Ubwongereza cofasha.
Duddridge yavuze ko Ubwongereza bwiyemeje gutanga imfashanyo y’amafranga y’abongereza arenga imiriyoni cumi n’imwe n’igice (£11.6) azohabwa amashirahamwe ya ONU afasha abantu bari mu bibabazo nka HCR, PAM hamwe na UNICEF mu ntumbero yo gufasha impunzi.
Ayo mafaranga azofasha mu kwubaka amashuri, amavuriro hamwe n’ibindi bikorwa vyo ku rugero rwa mbere mu makambi atandukanye y’impunzi, kugira abana b’impunzi bashika ibice 57% vy’impunzi zose ziri mu gihugu, bashobore kwiga neza kandi bavurwe.
Uganda ni kimwe mu bihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi zishika ibihumbi 500.
Van Naris Mugisha
Messages
16 Kigarama 2015, 12:10, par Samuel
bandanya mufasha abo barundi bagorewe mumakambi.
16 Kigarama 2015, 12:32, par Kwon
Ubwongereza Iyo Ngingo Bwafash Niyo Kk Impunz Nizogufash Mubih Nkib Vyindwano Mukarer Ka Cpgl
19 Kigarama 2015, 20:39, par Ntakarutimana dieudonnè
Jewe ndashima kuba ubwongereza bwafashije impunzi zabarundi nkanashimira ni guhugu cu bugande cemeye gutanga ubuhungiro kumpunzi nkashimira nayandi mashirahamwe adasiba kwitanga nka unicèf na hcr. Badahengeshanya kwi tanga.
2 Myandagaro 2016, 22:15, par Ndayizeye J.Bosco
Abo Baporisi Bomumahanga Ntabokeneye Muburunditurikwije Umutekano Urakingiyje Muburundi Baraguma Iwabo Nabobaragowe.