Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza : Kate yavyaye umwana w’umuhungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubwongereza : Kate yavyaye umwana w’umuhungu

Ubwongereza : Kate yavyaye umwana w’umuhungu

mardi 23 Mukakaro 2013

Mu gihugu c’Ubwongereza, umugore w’umwana w’ingoma William yaraye yibarutse umwana w’umuhungu.

Amakuru ava mu gihugu c’Ubwongereza, mu biro vy’umwamikazi amenyesha ko uwo mwana yavutse neza, kw’isaha cumi n’iminota mirongo ibiri mw’joro ryo ku munsi w’ejo kuwa mbere rishira iryo kuwa kabiri

Uwo mwana aharurwa nk’uwa gatatu ku rutonde rw’abategekanijwe kuzoba abami b’Ubwongereza yavukanye ibiro birenzeko gato bitatu n’igice.

Kate yavyaye umwana azokwitwa umwami w’i Cambridge, akazanayobora ibihugu 15 vyo mu muryango w’ibihugu vyatwawe na Commonwealth mu mwanya w’ubukoroni.

Umwamikazi w’Ubwongereza Elizabeth II n’umugabo wiwe baranejejwe n’iyo nkuru iriko iravugwa guhera ejo n’uno munsi mu gihugu c’Ubwongereza no kw’isi yose.

Kuva ku munsi w’ejo, abantu isinzi biriwe hanze y’ibitaro vya St Mary biri i Londres mu gisagara c’Ubwongereza, aho uwo mwana yavukiye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.