Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza ntiburota bwihanganira Bashar Al-Assad
Ubwongereza ntiburota bwihanganira Bashar Al-Assad
mercredi 28 Myandagaro 2013
Igihugu c’Ubwongereza carangije integuro yaco yo guhana abakoresheje ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara bwica vyakoreshejwe n’ubutegetsi bwa Siriya. Iyo nteguro iza gushikirizwa inama nkuru y’umutekano ya ONU kuri uyu wa gatatu nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, David Cameron, mw’itangazo yashize ahabona.
Iyo nteguro irimwo ingingo zikenewe kugira bakingire abanyagihugu basanzwe ntibasubire guhitanwa n’ubwo bwoko bw’ibirwanisho ruhonyanganda nk’uko yabandanije abivuga.
Ubwongereza bwarateguye kandi uburyo bwo guhana ubutegetsi bwa Bachar al- Assad bwakoresheje burya bwoko bw’ibirwanisho bisanzwe bitemewe n’amategeko mpuzamakungu, Ubwongera kandi bwiteguriye gufata ingingo zihuta kugira abanya Siriya ntibongere guhitanwa nivyo birwanisho.
Abandanya avuga ati : "Dushaka ko Inama y’umutekano ya ONU ifata ingingo ku kibazo ca Siriya. Uno musi hari akaryo keza ko kugira ico ikoze.
Igitero c’ubumara bwa Gaz toxique cakozwe ku wa gatatu w’indwi iheze mu burere bwinshi bw’ikiyaya ca Ghouta, amaja ku murwa mukuru Damas bwahitanye amajana n’amajana y’abanyagihugu.
- Umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza, David Cameron
Imbere y’iko iryo tangazo risohoka uno munsi, umunyamabanga w’Ubwongereza William Hague yari yamenyesheje ko umutekano w’Ubwongereza uzoshobora guhungabana mu gihe atacokorwa ku nyifato y’ubutegetsi bwa Bachar al-Assad.
"Dutegerezwa rero kugira ico dukoze mu bwitonzi kandi tubanje kwiyumvira, ariko ntidushobora kwemera ko umutekano w’igihugu uhungabana biturutse kwikoreshwa ry’ivyo birwanisho isi yose yiyamiriza."
Prosper Ndayikeza