Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza: Umukinyi yirukanywe kubera gufatwa ariko asambanira mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubwongereza: Umukinyi yirukanywe kubera gufatwa ariko asambanira mu (...)

Ubwongereza: Umukinyi yirukanywe kubera gufatwa ariko asambanira mu kibuga

mardi 21 Ndamukiza 2015

Umukinyi w’umurwi FC Clitheroe Jay Hart yirukanywe inyuma yogufatwa ari asambanira ku ntebe yicarako abakinyi barindiriye kugombora.

Hari ku muhingamo w’umunsi wa gatandatu, haheze urukino rwahuza umurwi wa FC Clitheroe wo mu Bwongereza na AFC Mossley, urukino rwaheze ku bitsindo 4 vy’uwo murwi wa nyuma kuri kimwe ca FC Clitheroe. Urukino ruheze, Jay Hart yafatanye n’umwe mu bakunzi biwe (fans), maze basambanira ku ntebe yicarako abakinyi bagombora bita"Banc de touche". Umwe mu barorerezi yababonye yaciye afata isanamu maze ayerekana mu burongozi bw’umurwi wa FC Clitheroe.

Anne Baker arongoye umurwi wa FC Clitheroe ati:" abakinyi bacu bari bafise indero ibayabaye ariko Jay Hart wewe s’uko".Uwo muyobozi avuga ati:" inyuma yaho habereye ingorane i Mossley, Jay Hart arirukanywe burundu mu murwi wa FC Clitheroe". Nk’uko yari yambaye imwambaro w’umurwi, Arongera ati:" Sinshobora kwihanganira umukinyi yagize ivyo yambaye impuzu z’umurwi, ivyo biratubabaza kandi bitesha agaciro umurwi wose. Nkeneye ko abakinyi bacu bigenza nk’abari ku kazi".

Umukinyi Jay Hart nawe agira ati:" Ndababaye cane, nari nanyoye utuyoga dukeyi, nibaza ko ninyegeje ata n’umwe ashobora kumbona".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.