IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE :Amatora ashobora gutuma igihugu kija mu ndyane zikomeye

UE :Amatora ashobora gutuma igihugu kija mu ndyane zikomeye

mardi 30 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ingingo ya Reta y’Uburundi yo kudakurikiza ivyasabwe n’abahuza bagizwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,akarere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe na Afrika yo hagati,hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ari ikintu gikomeye cane.

Mw’itangazo ryo kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko, itunganywa ry’amatora kandi ibisabwa kugira habe amatora yitabwe na bose kandi abaye mu muco,bishobora gutuma igihugu gitera kija mu bihe bibi gusumba uko bimeze ubu.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikemeza ko rishigikiye igikorwa co guhuza abegwa bose n’ikibazo ca politike mu Burundi.Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikamenyesha ko kuba Reta yafashe ingingo yo gutunganaya ayo matora bishobora gutuma hafatwa ingingo zikomeye ku bijanye no gufashanya hisunzwe amasezerano ya Cotonou.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,risaba Reta y’Uburundi kwitaba ibiganiro,kandi ikabandanya gukorana n’abayifasha bo ku mugabane wa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Messages

  • Jujutira hiyo ngubumwe bwa buraya amazi tunywa ava mumasoko yiwanyu murayugare aho twarima imyumbati nibiharage kubutaka bwanyu muhatwime umurundi aba muburaya bwanyu mwirukane hanyuma mureke gukokeza indwano murahumba imitahe mwabishizemwo izoherayo mwumirwe

  • ahubwo hasigaye ko tumuhebera igihugu duhunge naho imbonerakure zituzibira zigomba kutunyaga basi gaye biba kumugaragaro kandi bakiba abahunze mugabo ntibizijana nk’amaraso ya yesu

  • WEWE WIYISE NGO MUMPE URIKIGWARUDUBI URIKOPO MUMUTWE NKABASHOBUJA EMWE BANTU MURAMUTSWUBURUNDI UNOMUSI NIMUKUNDE MWUMVE MUREKE GUKWEGERABARUNDI MUBIHANO NONE GA KUBURUNDI BWARIBUNZWE NIMFASHANYO ZIVA MUMAKUNGU BAGAHAGARIKA TUZAKUBAHO GUTE? EWE NKURUMBI WATUZIYE KWAKAZIRI HASIGAYE KWABANYAGIHUGU TUKWIFATIRA TUKAKWIBAMBIRA KUKO URINTUMVA PEE!!!! NN KWUVUGA KWIBITURIMWO ARICAYI IMWERE NIWADUHAMATEKE NIBIJUMPU NIMYUMBATI UBWO KWERI TUZOBISHOBORA? BARUNDI NIMUBONE KURE UYU.PITA ARIKWATUJANA HABI

  • Amakuru nagondoze gurunziza amakuru nanyaruke bitarayangara

  • @Radaka. None wahunze abatutsi ko mwamenyereye kubungera. Gusa icyo nzi cyo impungure ntuzazishobora kuko uzahaba urwara urushwima

  • Imana Iriho Barundi Ntitwihebure!Iyarinze Daniel, Iyakuye Chadrake ,mashaka Na aboudnigo Mwitanure Ryumuriro Niyo Azodukiza Iyintureka!Dukomezegusenga Imana Yacu Irashoboye!

  • abo mwese mwandika ivyo mushaka ngaha ntanumwe agowe muri mwebwe bamwe mwibwereye iburayi, abandi muri muri gouvernemt, abandi mufise inyungu zanyu muvugira ubwo murazi ingorane zifise banyarucari, urabona kurara utaryamye icarico bakurara kumugona, icabagiwe co nico barya, kuko bamwe pita ntabazi ngo abashire utwo barya kugira aronke amajwi ndasoma kenshi ivyo mwandika ntanumwe akunda igihugu ciwe, uravye abandi ingene bateye bakunda ibihugu vyabo kuburyo numuntu aja muri pension aguma ashaka gukorera igihugu ciwe nayo uburundi sinovuga ko bwavumwe kuko ntawabuvumye nimwebe mubwishe nayo abazungu mubaveko sibo batuma mwicana mwabijuju mwe.

  • EGO MURARIYE IMVUMBA!

  • Uburundi Nubw’abarundi Subw’abanyamahanga!Mbe Ngo Guhagarika Imfashanyo Niyo Nyishu?Baduhende Dusambure Igihugu Hama Ejo Baze Badutware Ivyacu Ngo Bacubake!Twarabamenye!Mbe,mwibaza Ngo Bariko Baradufasha?Barabashuka.Bavungura Kunyungu Yivyo Badutwaye.Ubu Genda Ubabwire Ati Barahumutse.Turakanura!Genda Muhendwe Kuko Uwusambura Urwiwe Bamutiza Umuhoro!Ingeso Y’urugo Ntiyubaka Urw’ahandi!Colonisation Yabo Twarayisezereye Mugenzi.Twarabakaguye!

  • AMATORA NAHOYOBA BAKEMEZA peter NTAMAHORO AZOBA AHARI AHUBWO IYABA ARUMUNTU NTABA YIRIRWA ARARYA AMATUNGO YIGIHUGU AKIRIRWA ARASEGEREREZA HANZE AKABOKO KAMA KADODORAAAAA NGOMURADUFASHA MUBURUNDI !.

  • AMATORA NAHOYOBA BAKEMEZA peter NTAMAHORO AZOBA AHARI AHUBWO IYABA ARUMUNTU NTABA YIRIRWA ARARYA AMATUNGO YIGIHUGU AKIRIRWA ARASEGEREREZA HANZE AKABOKO KAMA KADODORAAAAA NGOMURADUFASHA MUBURUNDI !.

  • AMATORA YABAYE MABI CANE.

  • Burundi same Zimbabwe wll gonna see.ðŸ™

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.