Accueil > Amakuru > u Burundi > UE: Ibiganiro nivyo bizorangiza icuka kibi kiri mu Burundi
UE: Ibiganiro nivyo bizorangiza icuka kibi kiri mu Burundi
lundi 22 Ruheshi 2015
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko icuka kibi kiri mu Burundi, kizorangizwa n’ibiganiro, hamwe n’ugushira mu ngiro ibisabwa ku Burundi n’inama y’Ubumwe bw’Afrika n’akarere k’Afrika y’Ubuseruko.
Mw’itangazo Ubumwe bwa Buraya bwashize ahagaragara, buvuga ko mu vyapfunditswe mu nama zabaye ku wa 16 Ntwarante, n’uwa 18 Rusama, Ubumwe bwa Buraya bwifatanya n’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gusaba ko ibiganiro vyubahiriza amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, arivyo bizofasha mu gutorera inyishu ibibazo vya poritike, mu gutsimbataza amahoro, n’intwaro rusangi ku barundi bose.
Iryo shirahamwe rikibutsa ko rizofasha aberwa n’ibibazo vy’aburundi bose gusubira kuganira ku bibazo vyose bisa n’ibitandukanya impande zibiri zishamiranye. Mu ntumbero yo gutegura amatora meza, ataho ahengamiye, abereye ku mugaragaro kandi akitabwa na bose, Ubumwe bwa Buraya busubiye kwibutsa iyubahirizwa ku mugaragaro ry’ivyasabwe n’Ubumwe bwa Afrika hamwe na EAC, mu ntumbero yo gutegura ayo matora. Ivyo navyo hakaba harimwo kwubahiriza ukwidegemvya kw’abanyeporitike hamwe n’iyubahirizwa ryo gushikiriza iciyumviro.
IGIHE
Messages
22 Ruheshi 2015, 16:54, par Turabazi
It is too late
22 Ruheshi 2015, 16:55, par RUBUTO
THERE IS A PROVERB WHICH SAYS :"actions speak louder than words."SO EUROPEAN UNION MUST OBLIGE peter nkurunziza TO GIVE UP RUNNING his 3rd term.THIS MUST BE DONE NOT IN SAYING WORDS BECAUSE MANY PEOPLE,MANY ORGANISATIONS ADVICED him BUT IN VAIN.
22 Ruheshi 2015, 18:59, par Beno.niyo
kwarivyo rero simbona igituma tubivuzako induru.ni ateshwe ate NKURUNZIZA
22 Ruheshi 2015, 19:28, par King
If We Say Something; Do It and Not Only Soy
23 Ruheshi 2015, 11:28, par Yves
@UE, you said this since early, why don’t you act? Those are not changing anything to Nkurunziza. Burundians need you to act.
24 Nyakanga 2015, 09:12, par ndayizeye donatien
izompanuro ni nziza ikibazo nuko mbona abo bibwirwa bicamatwi none ihezo nirihe ko mbona ubwicanyi bwabaye ndase imana gusa niyo nyishu