Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE isaba abegwa n’ikibazo ca politike kwigumya
UE isaba abegwa n’ikibazo ca politike kwigumya
dimanche 2 Myandagaro 2015
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya umenyesha ko ubwicanyi bwahitanye Gen Adolphe Nshimirimana yerekana ko ubugizi bwa nabi buriko buriyongera mu Burundi.
Mw’itangazo ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,rimenyesha ko amabi uko yoba ameze kwose,canke uwoba abikoze uwariwe wese,bidashobora gufasha gukura igihugu mu kibazo ca politike kirimwo.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, risaba abegwa bose n’ikibazo ca politike kwigumya,bakagaruka mu biganiro,mu ntumbero yo gutora inyishu ya politike,ku kibazo kiri mu Burundi.
Iryo shirahamwe rimenyesha ko umuhuza Yoweri Museveni yosubira ku mirimo,mu maguru masha.
Van Naris Mugisha
Messages
2 Myandagaro 2015, 22:12, par Br
Nanyaruk Turarush
2 Myandagaro 2015, 22:50, par Willy
Aha kotaco muvuze kubamwishe???abazungu twarabahinyuy?vyerekana ko aba bazungu ni dange
2 Myandagaro 2015, 23:53, par Niyonkuru
Umuhuza nagaruke hama natwe twige kwubahana gutyo dutorere inyishu ibibazo biri mugihugu.
3 Myandagaro 2015, 05:16, par yaya
Mukirundi bavuga uwusambur’urwiwe umutiz’umuhoro ntaco mutakanwa ngo abazungu ntakobatagize
3 Myandagaro 2015, 05:29, par OKAY
Na Yoweri ntawe tugomba. Ikibazo nyamukuru catumye dushika aho turi n’ikiringo ca gatatu. Mbega ko yoweri agira yiyamamarize ikiringo ca 20, wumva azofasha iki Uburundi?? Ntaze ngaha turamwereka!! Dukeneye Igihugu kigira kumategeko, kandi kirimwo ubutungane bwidegemvya. Kandi dushaka gutwagwa n’umuntu atahura ko nawe ari musi y’amategeko!!
3 Myandagaro 2015, 05:43, par Gati
Imana Itujimbere Mugufata Abishe Umumumenja Ado Mbemuhoza Wamugorewiwe Pore Irimbugwa Riratanguye Ntantambara Iriburundi Imve Iyindirimbo Benew Urutaroruragosora Rugasigazibikuku %
3 Myandagaro 2015, 07:26, par emma
emma
ngwishirahamwe rya buraya murabasazi ngo twihangane twabuze uwacu. Twarabonye ivyiwanyu kwarimwebwe mubaha impigi yokugarariza ubutegetsi turanazi ko arinamwe mubaha ibigwanisho nkivyo vyishe nyakubahwa wacu. Basha ntashirahamwe ryaburaya murabicany.
3 Myandagaro 2015, 08:00, par biriko biraza
adolphe apfuye hagez ahubw yari yaratevy kuk yish bensh ahungish bensh,shetani imwakire mukuzimu kwayo kuko ntajuru azopfa abonye
3 Myandagaro 2015, 08:58, par Barumwete
Turindiriye ngo turabe ingene azosomerwa misa n’umugore wiwe umunsi wo kurahira
4 Myandagaro 2015, 00:03, par KAZE-FDD NGOZI
Umwe wese yigire inama atarindiriye abazungu kuko sinibaza ko bakundana.
4 Myandagaro 2015, 11:18, par Emmanuel
Barayamaze ngo ibigiye inama bigira. Imana ico twipfuza nuko bokwama bibukako. twese twaremwe kugira ngo. tubeho.kandi KO Imana atawe. yahayuruhusha rwo kwci mwenewabo.