Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uganda : Abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye bitwaye muri (...)
Uganda : Abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye bitwaye muri sentare
mercredi 12 Ntwarante 2014
Abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye muri Uganda bituye sentare
abashingwamanza hamwe n’abanyeporitike, bituye sentare muri Uganda biyamiriza itegeko rihana abo bahuza ibitsina babisangiye.
Bavuga ko iryo tegeko riciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro rya Uganda, risanzwe ritemera kuvangura no guhonyora ku burenganzira bwo gushikiriza iciyumviro. Iryo tegeko ryashizweko igikumu n’umukuru w’igihugu Museveni mu kwezi guheze, ryiyamirijwe n’amakungu. Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika Barack Obama yavuze ko iryo tegeko risubije inyuma Uganda mu ntambwe yari imaze gutera. Ibihugu vyinshi bisanzwe bifasha Uganda navyo bica bivuga ko bigiye guhagarika imfashanyo.
Iryo tegeko ryo guhana bivuye inyuma abo bahuza ibitsina babisangiye muri ico gihugu ca Uganda, rikaba ryatumye haba icuka kitameze neza hagati y’Ubuganda n’ibihugu bisanzwe bigifasha, ndetse n’amwe mu mashengero akaba yarakozweko, mu gihe ayamuka mu bihugu vya za Buraya, agabisha ko azoca avangura n’amashengero yamukako, hamwe ibihugu vyabo vyoguma bihatira igihugu c’Ubuganda gushigikira iryo tegeko. Tukabamenyesha ko igihugu c’Ubuganda gishira imbere cane imico y’abakera, ku buryo kwumva uguhuza ibitsina babisangiye, ari nk’ivumwe ku gihugu.
Aristide Nizigire
Messages
12 Ntwarante 2014, 11:16, par nn
Jebare ko baganda bange!!Keep-up to fight against TUTU’s deamon!!Uganda nigihugu cikukiye(idipendant country),ntabwo ikiri mubukoroni bwa Obama!!
12 Ntwarante 2014, 19:19, par Mahoro.
Nabo bakwitwaye nababaturire ubwo bworo bubi.
12 Ntwarante 2014, 21:03, par Sebastien
Mwebare Bagande,ntimwumvirize abo bakora ibitigeze bibaho mumategeko yakiremwa cose caremwe n’ Imana. Emwe,dusumbwe nibikoko mukwemera Imana yaturemye?Mbe abobabikora bibazako Imana yihenze mukurema Umugobo n’ Umugore? Hahaaa muragabe bantu ba Sodoma na Gomora!!! Murarimbutse vuba.