Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda: Amama Mbabazi yamenyesheje ko azokwitoza nk’uwigenga
Uganda: Amama Mbabazi yamenyesheje ko azokwitoza nk’uwigenga
vendredi 31 Mukakaro 2015
Amama Mbabazi yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuganda yashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe NRM yamenyesheje ko azokwitoza nk’uwigenga.
Inyuma yaho Yoweri Museveni arongoye igihugu c’Ubuganda yeretse Amama Mbabazi ko aterekwa ukwitoza kwiwe mu mugambwe NRM,kuri uno wa gatanu Amama Mbabazi yavuze ko mu ndwi zitandatu ziheze amenyesheje ko azokwitoreza kurongora Ubuganda vyabaye ikibazo c’umutekano mu mugambwe.
Amama Mbabazi yavuze ko kwitoza nk’uwigenga bidasigura ko avuye mu mugambwe amazemwo imyaka itari mike.
Mu kwezi guheze, Yoweri Museveni yavuze ko ivyo Mbabazi yakoze atari vyo kuko yavuze ko abikoze hataragera,kuko vyari kwigwa n’umugambwe NRM.Yavuze ko Mbabazi yerekanye ko igihugu kinaniwe mu gihe ari umuntu yabaye umuyobozi igihe kirekire,mu bibanza bitandukanye.
Haraheze ikiringo kidashika ukwezi igipolisi c’Ubuganda gihagaritse Amama Mbabazi na Kizza Besigye bose bagomba kwotoreza ikbanza c’umukuru w’igihugu,bamara amasaha atari make mu gasho k’igipolisi.
Van Naris Mugisha