Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda: Babiri bagomba kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu bahagaritswe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uganda: Babiri bagomba kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu bahagaritswe (...)

Uganda: Babiri bagomba kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu bahagaritswe n’igipolisi

jeudi 9 Mukakaro 2015

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere mu gihugu c’Ubuganda , Amama Mbabazi na colonel Kizza Besigye bose bari mu bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu w’Ubuganada,bahagaritswe n’igipolisi.

Amama Mbabazi yafatiwe i Jinja, igihe yariko aja kubonana n’abamushigikiye mu gisagara Mbale.

Kuwa gatatu,igenekerezo rya 8 Mukakaro,igipolisi c’Ubuganda cari casohoye itangazo, kivuga ko Mbabazi ataremerwa gukoresha amakoraniro, n’aho yari yabibamenyesheje.

Mbabazi yifuza guhiganwa mu mugambwe uri ku butegetsi NRM, mu matora y’intango yo gutora uwuzohiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Uwundi yahagaritswe ni colonel Kizza Besigye, yigeze guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu incuro zitatu.Yafashwe agiye gutanguza imyiyamamazo y’umugambwe wiwe FDC, mu matora yo gutora uwuzowuserukira mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Uwuburanira Kizza Besigye yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko bamujanye mu gasho k’igipolisi kari hafi y’aho asanzwe aba.

Kizza Besigye ahiganwa n’uwahoze ari umuyobozi mu gisirikare, general Mugisha Muntu, mu guserukira umugambwe FDC mu matora yo mwaka uza w’ 2016.

Besigye na Mbabazi uko ari babiri bahora ari ba somambike ba Yoweri Museveni umukuru w’igihugu c’Ubuganda,amaze imyaka 30 ku butegetsi.


IGIHE

Messages

  • Abashaka yoweri ngo abe umuhuza murumva ayiwe karumwe na peter? Hama yoweri mwebwe mwarasaze ntamuhuza arimwo namba ONU yananiwe nimenyeshe ko yananiwe nayo abo bahuza mushaka rindira muzokumva ayo bazobashikiriza. Wotabara inzu y’umubanyi iriko irasha, rwawe yafatwa ukayireka igasha ngo uriko uratabariza umubanyi? Naje hiyo amanze atunganye ibiriwiwe hama azotunganya ivyabandi munyuma.

  • Barawuciyengo Uwaruka Ntafata Uwacibwamwo Ubwo Museveni Konumva Nomurwiwe Bicika Ubwo Ivyuburundi Azobishora ?Kukibazocamanda 3 Yankurunzi Mugihe We Afise 6 Azorara Bwiye Nkurunziza Ngo Ntitoze Aho Haraduga Vrema

  • None Kobimeze Uko Mwumva Museveni Atandukaniye He Na Nkurunziza Hanyuma Ngo Numuhuza,nabanze Atunganye Ivyiwe!

  • None Kobimeze Uko Mwumva Museveni Atandukaniye He Na Nkurunziza Hanyuma Ngo Numuhuza,nabanze Atunganye Ivyiwe!

  • MUSEVENI NICO KIMWE NA PETER NA KAGAME.

  • Je nababwiye kera ko atavyamuseveni mwiyamirize hakiri kare museveni yipfuza kuguma kubutegetsi akabukugwako nurupfu .umuntu ashobora kuba yoshobora guhuza abarundi ni Robert CISANO wa Mozambique canke Armando Guebuza wa Mozambique abo nibo berekanye umuco wo gubisanya kubutegetsi neza.kandi murazi kwarigihugu cahoze mungwano nkiwacu ariko intambara ikaza guhagarara.amateka ya Mozambique ibindi bihugu akwiye kuyigiraho.muboyigiraho ni Congo democratique,Burundi ,Rwanda,Uganda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.