Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Benjamin Netanyahu yanamiye ikibanza ciciwemwo mukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Benjamin Netanyahu yanamiye ikibanza ciciwemwo mukuru (...)

Uganda : Benjamin Netanyahu yanamiye ikibanza ciciwemwo mukuru we

lundi 4 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu yatanguye urugendo mu bihugu vyo muri Afrika. Urwo rugendo yarutanguriye mu gihugu ca Ouganda, akaba ari muri ico gihugu mukuru we yiciwe, mu mwaka w’1976, aho hari abanyisrayeli bari bagizwe imbohe.

Benjamin Netanyahu yururukiye ku kibuga c’indege ca Entebbe, mu Buganda, aho abasirikare ba Israyeli batabariye ingenzi z’abanyisrayeli, itariki 4 y’ukwezi kwa Mukakaro, mu mwaka w’1976. Izo ngenzi zari zigizwe n’abanyisrayeli, zishika kw’ijana n’abari batwaye indege ya Air France barimwo. Jonathan Netanyahu, mukuru wa Benjamin Netanyahu, akaba ariwe wenyene yahasize ubuzima.

VOA ivuga ko inyuma y’ibirori vyabereye aho ku kibuga c’indege, Netanyahu yaciye aja mu nama y’abategetsi bo mu karere, inama yari yerekeye ivy’umutekano.

Israel idomwako urutoke kenshi n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kuba iri mu karere ka Cisjordaniya, n’umuhora wa Gaza. Isaba ibihugu vya Afrika gufasha ONU mu kugwanya iterabwoba, nayo Isirayeli igaheza igafasha ivyo bihugu ku vyerekeye ubumenyi n’amafaranga.

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu, yahavuye yurira indege, agana igihugu ca Kenya, akazogendera kandi ibihugu vya Etiyopiya hamwe n’Urwanda mu minsi ine yategekanirije urwo rugendo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.