Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Igiporisi casubiriye gufata Kizza Besigye
Uganda : Igiporisi casubiriye gufata Kizza Besigye
lundi 22 Ruhuhuma 2016, par
Kizza Besigiye, umukuru w’umugambwe Forum for Democratic Change (FDC) utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda yasubiriye gutabwa muri yompi, mu gihe yariko agerageza kuva mu rugo iwe, aho yari asanzwe apfungishirijwe ijisho kuva kuwa gatanu w’indwi twaraye dusozereye.
Umukuru w’umugambwe Forum for Democratic Change, Kizza Besigye yafashwe kuwa gatanu, yagirizwa ko yari afise umugambi wo gutangaza ubwiwe ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.
- Kizza Besigiye, umukuru w’umugambwe Forum for Democratic Change (FDC)
Mu biharuro vyatanzwe n’umurwi utegura amatora, Yoweri Museveni aza imbere, ku majwi angana na 61 kw’ijana, agakurikirwa na Kizza Besigye wo mu mugambwe utavuga rumwe n’uwa Kaguta Yoweri Museveni, akaba nawe yaronse amajwi agera kuri 35 kw’ijana, nk’uko vyashikirijwe n’umurwi utegura amatora.
IGIHE
Messages
22 Ruhuhuma 2016, 12:55, par Djuma
mwitegurikugumamukurikirana ibiberamubugandabitegerezwakumerankomuburundi.muzompinyuze umunyeporitikevyitwekoyatsinzwehama.abuzw’amahorovyerekanako,museveniyatsinzwemumatoro.ONU.ihagabire
22 Ruhuhuma 2016, 15:26, par djuma
raba.ukugene.abasodabawugandabatanguyekwicabatavugarumwenamuseveninimureke.abazungubakoronize.ibihugubimwemwevyafrikababereke.ukobatwara
23 Ruhuhuma 2016, 14:03, par gatongore
kizza besige nitumwagara ranny muraru
23 Ruhuhuma 2016, 17:32, par Bakari
@Djuma
Mbe sha Djuma,
Kwandika ikirundi n’ikinyarwanda ko umenga birakuvuna?
Urasaba ababizi bakwigishe! Gukora ivyiza ntibita igihe!
27 Ruhuhuma 2016, 08:28, par Barinakandi Omer
Museveni ntakwiye kuba umuhuza w’Abaqundi kuko ibibera iwe Bihonyanga Democratie n’agateka kazina muntu! birateye isoni!!