Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Kizza Besigye yemerewe guhiganirwa ikibanza c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Kizza Besigye yemerewe guhiganirwa ikibanza c’umukuru (...)

Uganda : Kizza Besigye yemerewe guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

mercredi 4 Munyonyo 2015, par egide

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Uganda yemeje ko Kizza Besigye yokwiyamamaza mu matora y’uguhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2016.

Muri ayo matora, Kizza Besigye azoserukira umugambwe wa FDC (Forum for Democratic Change), usanzwe ariwo mugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Uganda.

Inyuma y’ukwo kwemererwa kuzokwitoza, ijambo yarivugiye kibuga ca Nakivubo, ari kumwe n’abakunzi biwe isinzi.

Abandi bamaze kwemererwa kuzokwiyamamaza bitegurira amatora y’umukuru w’igihugu ca Uganda ni Yoweri Kaguta Museveni wo mu mugambwe NRM uri ku butegetsi, agira akwize imyaka 30 ku butegetsi, Amama Mbabazi azokwiyamamaza nk’uwigenga, hamwe na Prof Venansius Ryamureeba nawe nyene azokwiyamamaza nk’uwigenga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.