Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Museveni yagize umugore umushikiranganji
Uganda : Museveni yagize umugore umushikiranganji
mardi 7 Ruheshi 2016, par
Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweli Kaguta Museveni, yagenye umugore wiwe Janet Kataaha Museveni mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe inyigisho hamwe n’inkino.
Kuri uwu wa mbere niho umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni yashiraho abagize Reta yiwe nshasha, aho Kiwanuka Edward Ssekandi yagizwe icegera c’umukuru w’igihugu, mu gihe Dr. Ruhakana Rugunda yahawe amabanga y’ukuba umushikiranganji wa mbere wa Uganda.
Muri iyo Reta nshasha ya Museveni, Janet Kataaha, umugore wiwe, yagizwe umushikiranganji w’inyigisho hamwe n’inkino.
- Janet Kainembabazi Kataaha Museveni, umugore wa Yoweri Kaguta Museveni
Janet Kainembabazi Kataaha Museveni yavukiye mu gace ka Bwongyera mu Karere ka Ntungamo igenekerezo rya 24 Ruheshi 1948.
Yize amashuri y’intango mw’ishure rya Kyamate na Bweranyangi Girls’ Senior Secondary School.
Yubakanye na Yoweri Kaguta Museveni mu mwaka w’1973.
Janet Museveni yashinze ishirahamwe ryitaho abagore, ariryo Uganda Women’s Effort to Save Orphans (UWESO). Yagiye aragira uruhara rutandukanye mu bikorwa vyo kurwanya Sida muri Uganda mu myaka y’1990.
IGIHE
Messages
7 Ruheshi 2016, 16:43, par Bakari
Museveni arushije abami! N’ivyo batokwubahutse wewe arabikora!
Agire Imana bimwerere nka Bongo!
7 Ruheshi 2016, 19:49, par Vivi
Museven Yaramaz Kubona ko Uganda Ari Akarima Yigaruriy Ivyo Akoz Murayamezi Bigizwe Muburundi Niyirimundatwokwe Mera Ikavayo Ntaburundi Tuzigera TUgabira Umugabo Umwe nkuko!!
7 Ruheshi 2016, 23:11, par Sylva
Nahangame Kunhoma
8 Ruheshi 2016, 13:57, par Murundi
Nyenicubahiro Museveni, ese ukuntu ngukunze! Rwose abarundi bahakura icirwa!!
11 Ruheshi 2016, 11:13, par tari
Ahasigaye ngo bamugize umuhuza mungorane zacu none wumva atandukaniyehe na nkurunziza yirirwa arapfungira ubusa abobitavuga rumwe yiyemeza kwariwe yatsinze amatora kandi atarivyo aribinyoma bigaragara ahubwo ndasaba Donald Trump rwatsinde amatora hanyuma amukure kubagande nkuko yavyemeye
11 Ruheshi 2016, 11:15, par tari
Ahasigaye ngo bamugize umuhuza mungorane zacu none wumva atandukaniyehe na nkurunziza yirirwa arapfungira ubusa abobitavuga rumwe yiyemeza kwariwe yatsinze amatora kandi atarivyo aribinyoma bigaragara ahubwo ndasaba Donald Trump rwatsinde amatora hanyuma amukure kubagande nkuko yavyemeye