Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Umuhungu wa Idi Amin Dada yasavye imbabazi ku marorerwa yakozwe na (...)
Uganda : Umuhungu wa Idi Amin Dada yasavye imbabazi ku marorerwa yakozwe na se
jeudi 4 Ruheshi 2015
Umwe mu bana 60 ba Idi Amin Dada yahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubuganda, yasavye imbabazi ku mabi yakozwe na se igihe yari ku butegetsi.
Jeffery Amin, yasavye imababazi abantu bose, n’isi yose ku mabi yakozwe na se igihe yari umukuru w’igihugu c’Ubuganda, mu myaka y’1970. Igihe yari umukuru w’igihugu c’Ubuganda hagati y’umwaka w’1971-1979, Idi Amin Dada yatwaza umukazo udasanzwe aho muri ico gihugu, abantu bari hagati y’ibihumbi 150 n’amajana atatu bakaba baraborejwe igufa , bamwe bagakubitwa habi, abandi bagapfa baturiwe, mu gihe uwudasogoswe imbugita yicwa arashwe canke agatabwa mu nzuzi akazoribwa n’ibibayo n’ayandi mabi menshi.
Jeffery Amin agira ati :’’ Muri ico gihe data yakora ivyo nari uruyoya, sinarinzi ibijanye n’uguhonya abantu vyakozwe nawe’’. Uwo mugabo w’imyaka 48 y’amavuko ubu, Jeffery Amin ari mu kiyago categuwe co gusubiza hamwe n’abarongoye amashengero, akaba yaciye abonerako akaryo ko gusaba imbabazi. Ivyo birori bikaba vyabereye mu Buraruko bw’Ubuganda, mu gisagara Arua.
Igihe umwe mu miryango yari aho yavuga ukwo se wiwe yishwe aguye mu minwe y’umukuru w’Ubuganda wico gihe, Jeffery akaba yaciye yumva akozweko, n’umubabaro mwinshi, yegera uwo muntu, asabira imbabazi se, n’umuryango wiwe wose.
Tukabamenya sha ko amaze guhenurwa ku butegetsi, Idi Amin Dada yabuze igihugu na kimwe co mu karere canke muri Afrika co muha indaro, akaba yamaze igihe ayerera, mu nyuma acikanira mu gihu ca Arabie saoudite mu mwaka w’2003.
Aristide Nizigire
Messages
4 Ruheshi 2015, 14:10, par Bucumi
Emweeee abari n’amatwi nibumve cane cane abari kubutegetsi mu burundi aha bahakure icirwa nabonyene bazohungirahe? Ko babamenye! Asha harageze.
4 Ruheshi 2015, 15:04, par Ntazina
None ko na Museveni ariko akora mugabo ku ruyeri ku rwenge?
4 Ruheshi 2015, 19:51, par Mboza
Imana imugirire imbabazi,ariko bamwe mubategetsi bomuraka karere barakwiye kuhatorera icigwa.Kuko bariba,baratoteza,bakica.None bobo amaherezo yabo nayahe?Imana itabare afrika.
4 Ruheshi 2015, 21:18, par GILBERT NAHAYO
IMANA IMWAKIRE KANDI IMANA IBANE NAMWE MWIGAYA KUBERA AMABI UMUVYEY YASIZ AKOZE NAMWE MUMUSABIR.
4 Ruheshi 2015, 21:20, par GILBERT NAHAYO
IMANA IMWAKIRE KANDI IMANA IBANE NAMWE MWIGAYA KUBERA AMABI UMUVYEY YASIZ AKOZE NAMWE MUMUSABIR.
4 Ruheshi 2015, 23:02, par Kirinyota
Uko niko Jonathan azosaba imbabazi aba fnl, mu minsi izoza niyaca ubwenge akumva amabi se yabakoreye.
5 Ruheshi 2015, 05:29, par Iyumenya
Nkurunziza petero araba yumva nawe nyene azohava apfa urwo Iddi Amini Dada yapfuye azerera.
5 Ruheshi 2015, 08:39, par Mbunde
Abanyafrika turacuritse! Umuntu arasaba imbabazi ataco yacumuye? Amafuti y’umuntu ntashobora kubazwa abana biwe. Kiretse nabo naramufashije kuyogira. Mbega ko ata mwana wa Micombero arasaba imbabazi?
5 Ruheshi 2015, 10:16, par nzisabira barthelemy
eeh uyo ni peer nkurunziza wuburundi yiyita pasteur akica abatavugarumw narindire
5 Ruheshi 2015, 12:58, par FABIEN
nasabikigongw kuko impfizi yintama itenderankase abantu bozohava biyumvira karinkase bakamwanka
5 Ruheshi 2015, 16:19, par vpn
izo mpuzu hari umugabo nzi zatoka w ibujumbura uba ikiriri
5 Ruheshi 2015, 20:55, par Muco
inkozi zibibi bagatoteza ubwoko bw Imana sivyubu gusa bamye bapfa bayerera muribuka gahini eka nabandi barinyuma.
5 Ruheshi 2015, 21:39, par AYUBU NASSOR KASENYI CANKUZO
YATWAYE IMYAK A INGAHE YISHWENIKI ?
9 Ruheshi 2015, 20:43, par Eric
yarakoze kwicisha bugufi agasaba imbabazi nabandi bibigishe se yapfuye arushe bivanye nivyo yakoze
9 Ruheshi 2015, 20:44, par Eric
yarakoze kwicisha bugufi agasaba imbabazi nabandi bibigishe se yapfuye arushe bivanye nivyo yakoze
9 Ruheshi 2015, 20:45, par Eric
yarakoze kwicisha bugufi agasaba imbabazi nabandi bibigishe se yapfuye arushe bivanye nivyo yakoze
9 Ruheshi 2015, 20:46, par Eric
yarakoze kwicisha bugufi agasaba imbabazi nabandi bibigishe se yapfuye arushe bivanye nivyo yakoze
22 Ndamukiza 2017, 22:08, par IRAMBONA Jean Claude
Ingero Y’icaha N’urupfu.