Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uganda: Yoweri Museveni azosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru (...)
Uganda: Yoweri Museveni azosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu
vendredi 31 Mukakaro 2015
Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni azosubira kwitoreza kurongora igihugu c’Ubuganda,aserukiye umugambwe NLM usanzwe uri ku butegetsi.
Amama Mbabazi, yigeze kuba umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu yari yizeye ko umugambwe uri ku butegetsi uzomutanga kugira awuserukire muri ayo matora,ariko uno munsi siko vyabaye.
Amama Mbabazi yaneguye cane Yoweri Museveni amwagiriza kwigungirako ubutegetsi.
Kuwa gatandatu igenekerezo rya 1 Myandagaro,niwo munsi ntarengwa w’abashaka kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, kw’ izina ry’ umugambwe uri ku butegetsi kuronka impapuro zibisaba.
Ibi bibaye mu gihe haheze iminsi mike, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama asavye abamaze igihe kirekire ku butegetsi ku mugabane wa Afrika kuburekura.
Van Naris Mugisha
Messages
31 Mukakaro 2015, 22:06, par Kariyo
Haaa!!! Bantu Bomuri Opposition Muragabe Uwo Yitwa Umuhuza, Ivyiwe Ntimubibonye Hari Ikindi Mukimuzeyeko? Erega Ntawusangira Intama N, Uwuyirya.
31 Mukakaro 2015, 22:09, par LOLILO
ntakundi ariko amakungu akwiye guhagurukira abakuru bibihugu baguma banigira mumeshi abagomba kwitoza mubibanza vyabakuru bibihugu mbere bagakoresha ninguvu zikomeye cane ntivyumvikana, none yariyaje muburundi gukoriki kandi nawe ariko arahonyanga amasezerano kubihugu? ntawe dukeneye muburundi murakoze.
31 Mukakaro 2015, 22:50, par Daniel Kadhafi
Wirambire mutama kugihugu case Uganda ubandanye ugitezimbere
31 Mukakaro 2015, 22:51, par LOLILO
LOLILO iyo nyifato yabaperezida bomuri afrika irateye isoni,none biyumvira kwari bashoboye gutwara bonyene? tuzobatanga kumana tubicishije mumasengesho bizohigura nayo, kuko buba arubusuma bariko bakoresha, hama ndashimiye RWASA AGATHON yitanze ngumuriro warutanguye gukara mubanywanyi biwe kuko harabapfuye, harinabapfungiwe imuyinga bafatiwe muruzo komin giteranyi ndets barinomumabohero atandukanye nabavuganire asabe barekugwe kuko ntaco bazira.ariko! abafatanwe ibigwanisho bakurikiramwe,ariko barya bimuyinga bararengana kuko ntanumwe mubafashwe arimwo nibabitohoze neza
31 Mukakaro 2015, 23:09, par jogingi marahwe
abigumiza kubutegetsi ntibaba bakundigihugu nagatoya muga banka gutegekwa n abanyamahanga nka ka Obama.
1er Myandagaro 2015, 06:52, par MBURA
Wa muhuza w’abarundi! Ntawurebganwa n’Imvuvyi ngo yitware k’Unsato!
1er Myandagaro 2015, 08:32, par emma
emma
nimumureke uwomutama arashoboye, kandi abanyagihugu biwe bamwemereye ategerezwa kwitoza. Erega abanyagihugu ba africa batora uwobabona azobateza imbere akabaha namahoro mugihugu cabo. OBAMA nawe nareke kwivanga mubitamuraba iyi ni africa si america.
2 Myandagaro 2015, 00:40, par ndiko jonas
ewe emma namba abafise mwo incuti, naho woba uri denise uri urujuju uuuuuuuuuuu