IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Uguhiganwa kw’amabanki kugiye kwibagirwa mu Burundi’’

"Uguhiganwa kw’amabanki kugiye kwibagirwa mu Burundi’’

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Muri sendika SYGECO ntibumva impamvu yatumye badatumirwa mu ruganda rwo guhinyanyura integuro y’itegeko rigenga amabanki rwateguwe n’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi.

Kubwa Audace Bizabishaka asanzwe arongoye iyo sendika, avuga ko utunenge ari twinshi cane muri iyo nteguro y’itegeko, eka ndetse nta n’akarusho ije izaniye abadandaza, mbere rihonyanga ibwirizwa nshingiro n’ayandi mabwirizwa, kuko n’uguhiganwa muma banki ico bita ‘’concurrence ‘’gisa n’ikigiye kwibagirwa.

Ibanki nkuru y’igihugu yarateguye uruganda rw’iminsi ibiri rwo guhinyanyura integuro y’itegeko igenga amabanki, ariko sendika ihurikiyemwo abadandaza SYGECO ikaba itatumiwe. Nk’uko tubandanya tubimenyeshwa na Audace Bizabishaka umukuru wa sendika SYGECO, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 17 Ruhuhuma, muri iyo sendika bababajwe no kubona ibanki nkuru y’igihugu itabahaye ubutumire, kandi nabo bari bafise ivyo bipfuza guterera bitari bike na cane cane ko abadandaza basanzwe ari abanywanyi b’amabanki.

Ku bwabo, iyo nteguro y’itegeko irimwo utunenge twinshi nk’uko vyibonekeza mu ngingo ya 39 aho amabanki yose ategerezwa kuja mw’ishirahamwe rimwe rizoza riravugira izo banki imbere y’iyo banki. Iyo nteguro ikaramuka yemejwe, amabanki yose ni nkuko azoba abaye amwe akazogira amategeko ayagenga amwe n’igiciro kimwe, ku buryo atamahiganwa (concurrence) azosubira kubaho.

Iryo tegeko kandi riha ubushobozi bukomeye ibanki nkuru y’igihugu kuko ariyo izokwemeza amabanki, ikayafuta, igaca imanza kandi urubanza ruzoba ruciwe bikaba bitasohoboka ko bungururiza ahandi (aucun recours). Iyo nteguro iratandukanye cane n’ibwirizwa shingiro hamwe n’ayandi mategeko. Audace Bizabishaka amenyesha ko bitumvikana ko ibanki nkuru y’igihugu ironka ubushobozi nk’ubwo bwose kandi hari hasanzwe hari inzego zibijejwe nka sentare nkuru y’ubudandaji. Mu gihe rero iyo nteguro y’itegeko yoramuka yemejwe itaganiriwe n’abo vyega bose, vyohava bituma abagwizatunga yaba abarundi canke b’abanyamahanga bacika intege.

Muri sendika SYGECO basaba rero ko iyo nteguro y’itegeko yokwigwa abo rigenga bose batumiwemwo, kuko ari naho ryoza rigirira akamaro impande zose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.