Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ugukurwa kwa Rufyikiri kwoba kugira guherekezwe n’ipfungirwa mw’ibohero rya (...)
Ugukurwa kwa Rufyikiri kwoba kugira guherekezwe n’ipfungirwa mw’ibohero rya Mpimba
jeudi 30 Nzero 2014
Inyuma y’aho Isidore Rufyikiri akuriwe mu rwego rw’abashingwamanza b’i Burundi agaca anatakaza ikibanza c’ukurongora abashingwamanza b’i Bujumbura, biriko binurwanurwa ko yoba agira ajanwe gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Muri iki gihe bikavugwa ko hoba hari bamwe mu bahanuzi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu boba bariko barakora ibishoboka kugira Rufyikiri aje mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Tukabamenyesha ko muri iki gihe, uyo yahoze ari umushingwamanza atariko aroroherezwa n’ubutegetsi, kuva aho aburijwe kwitaba inama y’abandi bashingwamanza yariko ibera mu gihugu ca Cote d’Ivoire, kuva ico gihe, akaba asigaye yamana imanza mu butungane, aho zimwe usanga zimwagiriza kurya ibiturire, izindi zikamwagiriza kutubaha inzego n’ugutyoza inzego za Reta mu kuvuga amajambo agumura abanyagihugu.
Aristide Nizigire
Messages
30 Nzero 2014, 19:27, par lenine
Nakomeze kwihangana ababagago bazoteba baveho!
31 Nzero 2014, 11:15
Komera Mutam ahokubimbwa wobimva abanyagihugu turababona imisiyabo iraharuye ntamvurirwa idahita ntucikintege nubwobogushirayo uzukomeze kubarwira nibindi ukurikurababaza warabaseseye agatabi
3 Nyakanga 2014, 15:11, par nshinirimana estella
Ijambo ry’Imana rivugango hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane. None mutama ihangane vyose Yezu abifise mukiganza. ntanvura idahita komeza gusenga