Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo : Ugutana mu mitwe kurabandanya hagati ya M23 n’abasirikare ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Ugutana mu mitwe kurabandanya hagati ya M23 n’abasirikare ba (...)

Congo : Ugutana mu mitwe kurabandanya hagati ya M23 n’abasirikare ba Leta

mardi 16 Mukakaro 2013

Mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ingwano yari yatanguye kuva ku munsi wa mungu yarabandanije ejo kuwa mbere umunsi wose. Izo ntureka ziriko zihuza abarwanyi bo muri M23 hamwe n’abasirikare ba Letaya Congo mu karere ka Mutaho, ku birometero birenga cumi uvuye mu gisagara ca Kivu yo mu buraruko.

Amakuru atangwa na Leta ya Congo biciye ku muvugizi wayo amenyesha ko abantu baharurwa mw’ijana na mirongo itatu aribo bamaze kurwa muri iyo ngwano mu kiringo c’umunsi umwe gusa, abagera kw’ijana na mirongo ibiri muri abo bakaba ari abarwanyi ba M23 nk’uko bibandanya bivugwa n’umuvugizi wa Leta ya Congo.

Ku ruhande rwa M23, kuva ku mugoroba w’ejo, barahakanye gutanga amakuru n’amwe ku bijanye n’abamaze kurwa muri iyo ngwano. Ukwo gutana mu mitwe kwatanguye mu gihe hari haheze iminsi mike gusa ingabo nshasha za ONU zitanguye kuzanwa muri ako karere, izo ngabo zikaba zari zahawe igikorwa co gutuza imirwi irwana ikorera mu buraruko bwa Kivu.

Ku munsi wa gatatu bariko baratana mu mitwe urutavanavanako, ejo ku mugoroba vyaracureshe gato ku misozi imwe imwe ya Mutaho. Imbere y’aho, inkoho nyinshi nizo zumvikana mu karere k’uburaruko bwa Goma. Mu gisagara ca Goma, ku munsi w’ejo ahakorerwa imirimo nk’amabanki, ubudandaji hiriwe hugaye umunsi wose.

Abarwanyi ba M23 na Leta ya Congo bose bakaba bagirizanya agasomborotso. Uko biri kwose, izo ntureka z’urutavanavanako batari baherutse haraheze amezi icenda zije gushimangira igikorwa c’ingabo za ONU zije kurangura muri Congo. Izo ngabo zifise igikorwa gihambaye kirengeye ica Monusco kuko zizoshobora guhangana n’imirwi irwana. Ariko rero mu gihe igisagara ca Goma kitarashikirwa, nta kamaro ko ONU itabara gisirikare.

Uwuserukira ibikorwa vya ONU yahamagariye impande zompi kuganira batore inyishu irama bitarayangara.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.