Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uhuru Kenyatta yagendeye ubwa mbere Sudani yo mu Bumanuko kuva habaye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uhuru Kenyatta yagendeye ubwa mbere Sudani yo mu Bumanuko kuva habaye (...)

Uhuru Kenyatta yagendeye ubwa mbere Sudani yo mu Bumanuko kuva habaye imishamirano

mercredi 31 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta ahanura indongozi zo muri Sudani yo mu bumanuko gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro bateyeko igikumu mu mwaka uheze, hamwe n’ukugarura umutekano mu gihugu.

Uhuru Kenyatta yabishikirije mu rugendo yagize i Juba kuri uwu wa kabiri. Niwe mukuru w’igihugu wa mbere akigendeye kuva aho habereye gucanamwo hagati y’abasirikare bayoboka umukuru w’igihugu Salva Kiir n’abayoboka uwahoze ari icegera ciwe, Riek Mashar.

Urwo rugendo rwaje rukurikira urugendo icegera ca mbere gishasha c’umukuru w’igihugu, Taban Deng Gai yagize muri Kenya mu ntango z’uku kwezi kw’indwi, aho yari yagiye gusaba umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, kubafasha gushika ku mahoro arama.

Nk’uko tubikesha VOA, Kenya ni kimwe mu bihugu bibanyi cemeye gutanga abasirikare ibihumbi bine mu basirikare bemejwe n’inama ya ONU ijejwe umutekano kuzorungikwa muri Sudani yo mu bumanuko kugarukana umutekano.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.