Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uhuru Kenyatta yasabwe kuzitaba sentare y’i La Haye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uhuru Kenyatta yasabwe kuzitaba sentare y’i La Haye

Uhuru Kenyatta yasabwe kuzitaba sentare y’i La Haye

mercredi 27 Munyonyo 2013

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye mu gihugu c’Ubuholande, yisubiyeko ku ngingo yari yafashe ku wa 18 Gitugutu ko umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, atacitavye muri iyo sentare. Iyo sentare rero, yaraye yisubiyeko mu kwemeza ko Kenyatta abwirijwe kuyitaba.

Sentare y’i La Haye ikaba yasohoye itangazo rivuga ko umukuru w’igihugu ca Kenya ategerezwa kuzoyitaba ku vyaha yagirizwa vyo guhohotera agateka ka zina mu ntu muri ico gihugu ca Kenya, inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007. Kuri ivyo vy’ukwo yoza ararenguka ukwo iyo sentare yomukenera, umukuru w’igihugu ca Kenya amenyesha ko ivyo bitomworohere ku bw’amabanga asanzwe afise yo kurongora igihugu.

Ivyo bikaba bihuriranye n’igenwa ry’igihugu ca Kenya kurongora inama y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, inyuma y’inama yahuje abashikiranganji bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo muri uyo muryango. Igihugu ca Kenya, kikaba catwaye ikibanza c’igihugu c’Urwanda kuko arico cari kiramukiwe. Urwanda rukamenyesha ko rutoshobora kurongora iyo nama, kuko bariko bitegurira guhimbaza imyaka 20 habaye ihonyabwoko muri ico gihugu. Tukabamenyesha ko hari haheze umwaka umwe gusa, ico gihugu ca Kenya kirongoye inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri EAC.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ni yitabe nyene ni yera bizomenyekena ntangorane,atinya iki ? mbega umu president niwe ategerezwa gukingingwa ikibaba kuko ari presdent ariko akora amakosa yicira abantu ubusa erega imbere y’imana twese turangana iyo imana iguteye iteka ngo utware, twara neza utunganirize bose wumvirize bose izo ngorane za president bo muri africa n’abararabu badashaka kuva kubutegetsi harizo wumva muri europe canke muri usa izo mbunuza zabasumurinda nibazikubite bazihashe, mbentibabona ingene aba president ba afrika bitwaye neza baheza neza nayo ibinywamaraso bipfa kimbwa zo muri africa nyene imbwa ziburaya zozo zipfa neza, naje imbere y’ubutungane ni yera ntangorane.

  • HUYU MUYOBOZI BAMUSHAKAHO IKI? BABANDI BAHONYANZE AGATEKA KAMUNTU. 1972,1993, IBURUNDI BARIHEHE?? RWANDA GIKONGORO. CONGO. IRAK abobose nabanyabyaha mumureke ahumeke

  • wowe rita nahimana iwanyu iburundi, 1972.1993. habaye amahano. ababayobozi bariho kobatarungitswe iLAHE. NDETSE NIHONYABWOKO

  • Hewe rindira bitebe bitebuke umuntu wese yagirizwa amaraso yuwundi aba mu burundi canke ahandi ntibishobora guhera uko bitebe bitebuke warabonye ko nuwufise mirongo munani canke ijana umunsi wiwe wageze intahe iramukubita mugahanga nawe wiyita kinyota wagira amaraso yabantu ntahuma hahaaaaa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.