Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uko amagara ya Petero Karaveri Mbonimpa yifashe vyatanguye kunyegezwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uko amagara ya Petero Karaveri Mbonimpa yifashe vyatanguye kunyegezwa

Uko amagara ya Petero Karaveri Mbonimpa yifashe vyatanguye kunyegezwa

lundi 1er Nyakanga 2014

Aho Petero Karaveri Mbonimpa arwariye harakingiwe, ku bw’amagara yiwe atameze neza, mu gihe abaganga bo ku bitaro BUMEREC barikanuye ku buryo atawubacarukana ngo asuhuze canke ngo arabe Mbonimpa, adahawe uruhusha rw’umuyobozi w’ibitaro.

Umuyobozi w’ibitaro BUMEREC akaba yatubariye ko amagara y’uwo mutama asanzwe anapfunzwe yagirizwa ivyo yashikirije ku rwaruka rw’abarundi bariko bagirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ubu ameze neza agereranije n’uko yaje ameze. Ariko uwundi mwanya, uwo muyobozi ukabona yasa n’uwubivugana amakenga, kuko yasubiye inyuma akatumenyesha ko ata muntu n’umwe arekuriwe gusuhuza uwo mutama, kuko bakeneye ko aruhuka, kuko yaje aremvye.

Ku bwinjiriro bw’ivyo bitaro, hakaboneka abaporisi bambaye umwambaro usanzwe, bafise ibikoresho bimwe vy’uguhanahana amakuru, mu gihe abandi babiri bari bicaye ku muryango wo hirya y’ibitaro. Abari mu mashirahamwe atandukanye yaba mpuzamakungu canke yo mu Burundi, bakaba bariko baranyuragiranwa, bose basaba impusha uwo muyobozi w’ibitaro, ariko bose bakaba batemerewe kumuraba, baca basubira inyuma.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nama yacu wumva amborogo y,impfuvyi n,abapfakazi turasubiriye kukwereka umutama wacu.ikiganza cawe kibe kuriwe,ubekumwe n,abaganga barikumukurikirana imiti yose imugirire ikimazi ni mwizina rya yezu ndabisavye data wera.

  • abanyamakuru namwe sinI uko mwabaye abama batwawe mu bitaro bavuye mu mabihero nuyu wenyene uyu mzee gito mugomvye kwerekana ko yarakomeye naho ashwiii kuremba vyo birasanzwe kuko siwe aremvye wenyene sinzi ko amakuru yabaheranye kuburyi muta umwanya kr uyu mzee akunda inda gusumba iguhugu yipfuza abenegihugu dutemane niyitabarukire

  • IYO NKURU NTAGISHASHA ITUBWIYE, KUKO NOMUGITONDO MWARI MWATUBWIYE NKIVYO!!!!!!!! NONE UKO AMAGARA YIWE AMEZE HARUWO VYOTANGAZA????????? UMUNTU AREMVYE ASHOBORA GUKIRA, CANKE AGASHENGERA!!!!!!!! AKIZE DUSHIMA IMANA!!!!!!! AFUYE DUSHIMA IMANA KUKO AZOBA ASUBIYEMWIVU KANDI ARIRYO YAKUWEMWO!!!!!!!!

  • Mzee gito mbonimpa, yarafashije aba dd ariko ubu yagira abahambe bose iyo batahabera abagabo ngo bamwitange.

  • harabantu mbona commentaires zabo nkaca mbona ko ivyo duhora twibaza kuba abadd ari ibijuju koko muri ibijuju bikwije ama conditions yoose yubujuju!!ariko Mana aba dd nka Pathudi, Alexis na Willy uzobaha ubwenge ryari ko ariwewe ubutanga n’’umwami Salomon wabumuhaye!!ngo urucira mukaso rugatwara nyoko aho muvuga ngo apfe ngo agiriki!!!hiii ndabatwenze ejo mwokumirwa ivyiyisi biracuritse!!mushaka mwogabanya ubujuju nuwo mutima wubukoko mwavanye mwishamba!!

  • harabantu mbona commentaires zabo nkaca mbona ko ivyo duhora twibaza kuba abadd ari ibijuju koko muri ibijuju bikwije ama conditions yoose yubujuju!!ariko Mana aba dd nka Pathudi, Alexis na Willy uzobaha ubwenge ryari ko ariwewe ubutanga n’’umwami Salomon wabumuhaye!!ngo urucira mukaso rugatwara nyoko aho muvuga ngo apfe ngo agiriki!!!hiii ndabatwenze ejo mwokumirwa ivyiyisi biracuritse!!mushaka mwogabanya ubujuju nuwo mutima wubukoko mwavanye mwishamba!!

  • Ntakundi Mbonimpa ivyo n ibihano vy’Imana imisi y’umubeshi ni 40 aho rero warafashwe uzorinda upfira mu minwe yabo

  • Ariko abahutu tuzoc ubwenge ryari? abatutsi bavuga ngo uwutuma umuhutu atuma batanu, ngo abahutu ntabwenge, none karashiz ingani abahutu tumarane, mbega umuhutu azotora agahengwe ryari? hatware abatutsi dupfe, dufungwe tuzir ubusa, hatware abahutu ahugukira badusubize muri vyabindi. nukuri mwari mukwiye gufunga abahutu mwabuze abatutsi mufunga

  • Izina niryo muntu pe, we sha wa gahutu nyene ubu se urashaka baze bafunga umuntu bamuziza ko ari umututsi gusa???? sha ww IMANA ikubabarire tu ndumva ntaba nkawe, wwe se niyo banafata abatutsi bose bakabafunga canke bakanabica wahita wunguka iki??? uri imbwa uzapfa uri imbwa , uri umuntu uzapfa uri umuntu!!!!! sasa ntukifurize ubundi bwoko inabi ntawe waremye, ureke IMANA izigame abayo ntakindi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.