Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uko imirwi irushanya ibitsindo mw’ihiganwa rya Primus Ligue - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uko imirwi irushanya ibitsindo mw’ihiganwa rya Primus Ligue

Uko imirwi irushanya ibitsindo mw’ihiganwa rya Primus Ligue

lundi 6 Gitugutu 2014

Imirwi iri mw’ihiganwa ry’igikombe ca Primus Ligue yarakinye inkino z’indwi ya kane, imwe mu mirwi iramaze guha intambwe iyindi mu manota n’ibitsindo.

JPEG - 97.3 ko
Abakinyi ba Vital’o

Inkino zo ku ndwi ya kane zuguruwe n’urukino rwahuje umurwi wa Vital’o uri kw’isonga aho waca utsinda Prince Louis ibitsindo 5 ku busa. Hari kw’igenekerezo rya 03 Nyakanga.

Kw’igenekerezo rya 04 Nyakanga: Muzinga yahuye na Olympic iyo mirwi yanganije 0-0, Messager Bujumbura- Lydia Ludic (0-0), Royal FC- Buja City (0-0), Nyanza United- Atletico, Nyanza United yatsinze 1-0, na Rusizi Fc yatsinze Messager Ngozi 2-1.

Kw’igenekerezo rya 05 Nyakanga: Volontaire yatsinze Academie Tchite (3-0).

Kuri iyo ndwi ya 4, ibitsindo 13 nivyo vyinjiye, kuva ihiganwa rya Primusic Ligue 2014- 2015 ritanguye hamaze kwinjira ibitsindo 76. Imirwi yose imaze gukina inkino 4, kw’isonga haza Vital’o ifise ibitsindo 9 n’amanota 12 nayo Academie Tchite ihereza ku rutonde iheranye ibitsindo -19 nta nota na rimwe ifise, imirwi irushanywa uku gukurikira :

Imirwi - Ibitsindo

1. Vital’o: 9

2. Altetico : 3

3. LLB : 11

4. Inter Star: 8

6. Volontaire : 4

7. Buja city : 1

8. Rusizi FC : 0

9. Flambeau: 0

10. Messger Buja : 0

11. Olympic Star : 0

12. Royal : 0

13. Messager Ngozi : -1

14. Prince Louis : -11

15. Nyanza United : -10

16. Academie Tchite: -19


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.