Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uko imirwi izokina muri CHAN2016 vyamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uko imirwi izokina muri CHAN2016 vyamenyekanye

Uko imirwi izokina muri CHAN2016 vyamenyekanye

mardi 7 Ndamukiza 2015

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ryaraye ritoye uko imirwi nserukira bihugu izohura muri CHAN 2016 izobera mu Rwanda. Ibihugu 42 bizohiganirwa igikombe ca CHAN 2016 bigabuwe imice 6.

Uburundi buri mu bihugu bizokwitaba inkino za CHAN 2016, bwashizwe mu gice co Hagati gishira Ubuseruko bwa Afrika (centre-Est). Iyindi mice yashizweho na CAF ni: Uburengero(Nord), Uburengero burimwo imice A na B(Ouest A na B), Hagati(central), Hagati hashira Ubuseruko)Centre-Sud), hamwe n’Ubumanuko(Sud).

Aho muri ’Centre-Est’ Uburundi burimwo, ibihugu bizokina uku:

1. Tanzanie - Ouganda
2. Ouganda - Tanzanie
3. Djibouti - Burundi
4. Burundi - Djibouti
5. Ethiopie - Kenya
6. Kenya - Ethiopie

Inkino za mbere (aller) zizoba ku magenekerezo ya 19,20 canke 21 Ruheshi 2015. Izo gusubiza(retour ) zizoba ari kw’igenekerzo rya 3, 4 canke 5 Mukakaro 2015. Urwanda ntirurimwo muri izo nkino z’ikurakuranamwo kubera arirwo ruzokwakira izo nkino. Sudani nayo nyene ntizokina izo nkino kubera ikibanza ifise muri FIFA. Sudani izoheza ikine n’igihugu kizotsinda hagati ya Tanzaniya na Uganda.

Uburundi bushobora kuronka amahigwe yo kurengana inkiono z’ikurakuranamwo kubera buramaze gutsinda Djibouti, kandi Djibouti n’ico gihugu ca nyuma ku rutonde rw’ibihugu rwakozwe na FIFA.

Tubibutse ko inkino za CHAN zikinwa n’abakinyi basanzwe bakinira mu gihugu, bisigura ko, igihugu kitarekuriwe gutumako abakinyi bakina mu mirwi yo mu bindi bihugu.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.