Accueil > Imibano > Uko umukenyezi yokwigarurira urukundo rw’uwo bubakanye
Uko umukenyezi yokwigarurira urukundo rw’uwo bubakanye
mardi 29 Nzero 2013
Abantu benshi baribaza igituma ingo zisambuka canke igituma mungo hama induru,ariko ngo umukenyezi arashobora guhindura urugo rwiwe rukaba urw’akarorero nk’uko abahinga bize ivy’imibano babivuga.
Igikenewe imbere ya vyose n’ugutura Imana ubukwe bwanyu kugirango ibe ariyo imurikira urukundo rwanyu kandi ibashoboze kubona ibintu kumwe n’ukwakira ibizobashikira mu rugo vyose.
Umviriza umushingantahe wawe kandi umwubahe
Si ukuvuga ko umukenyezi ategerezwa gukubita ibifukamiro imbere yiwe,ariko kwubaha bituma haba urukundo kuko umugabo n’umutwe w’umuryango.
Kora ibishoboka vyose unezereze umugabo wawe
Iyo unejereje umugabo wawe uba umwimye umwanya wo kwiyumvira ibindi canke abandi bo musamaza.
Gushwana mu rugo ni nko kwatsa umuriro ugoye kuzimya
Kugira woroshe ibintu,iyo ubonye ko ivyo uvuze bimubabaje musabe imbabazi,umubwire ko ata ntumbero yo kumubabaza wari ufise.
Ni vyiza ko umukenyezi aza arashimira umunega wiwe kukantu keza kose amugiriye
Umunega bimuha ingoga zo kurushirizaho gukora n’utundi twiza kurusha utwambetre.
Biraryoshe gukina n’umugabo wawe
Ku muganiriza udukuru dutwenza canke two kumufyinisha,kuko biramwibagiza uburuhe bw’akazi yamyemwo, gutyo akumva ko ubuhungiro afise ari ukuba iruhande yawe.
Ni vyiza kwambara neza
Ukambara utuntu tugushariza ku mubiri,ukama witwararika gusa neza,n’aho woba uri imuhira,kuko kukubona usa neza bituma umushingantahe wawe akubonamwo umukenyezi w’igikundiro.
Rimwe rimwe ngo ni vyiza no kuririmbira umunega wawe iyo ababaye canke yahuye n’ibibazo vy’akazi kugirango yumve ko atari wenyene.
Iyo umushingantahe atashe ni vyiza kandi biraryoshe ku musanganira n’urweze.
Ngo abagabo barakunda ko umukenyezi amwereka ko amufitiye ibishobisho,akamwereka ko atashe amukumbuye.Nico gituma ari vyiza kumubaza uko akazi kagenze ,ko atangorane yagize,n’ibindi.
Koresha,umubiri Imana yaguhaye,mukunezereza umushingantahe wawe
Witwararike kuba ufise umutima ukeye,umubungabunge muri vyose na hose,bizotuma urukundo rwiwe urwigarurira rwose.
Marie Claire Ingabire
Messages
29 Nzero 2013, 09:29, par umuhen
hewe aka gapoint gaheza ni injanamuntu ndakabaroga. munshakire umwana uzonkunda gutyo anye! MArie Claire yondabira. murakoze
22 Ndamukiza 2014, 16:19, par nitonde
murakoz kudukebura
27 Kigarama 2015, 21:47, par Patrick
Muri Make Murakoze Kutubwira Vyishi Kuyerekeye Kubaka Mugabo Naho Umugabo Ari Umutwe Wurugo Umugore Nawe Niwe Yica Akongera Agakiza Murugo Atabishatse Ntimwubaka Naho Wewe Umugabo Womuhendahenda Ntibikunda Kandi Umugore Mukiri Bato Mutaraharurukana Usanga Ari Vyiza Mugabo Amaze Kwibaruka Utubebe Nka Tubiri Aca Abona Umengo Niwe Ari Umutwe Wurugo Mukomere Kuvyiyunviro Vyanyu Turabakunda
23 Nzero 2016, 22:51, par Ferdinand Kazadi
Mwiriw Iyinkuru Ninziza Kandi Irigisha Nivyo Iyutashe Umugore Akakwakira Nabi Biratuma Umuharuruka Jew Sindubaka Ariko Ndabibona Kuband Birimwo Mubituma Ingo Zisambuka Najengendeye Uwugusumvya Kunyakira Umengo Vyongora Kwihangana
11 Ruhuhuma 2016, 06:50
Uko nukuri kweruye .Harya abagabo ni nk’ingwe ;uzi kuyihendahenda urashobora nukiyikora mujisho ,ariko ukayereka ko mwohangana irakurandura ntakabuza.Kandi burya Imana yaturemye abagabo n’abagore dutandukanye,umugorz imuha ubushobozi bwokuryohera umugabo,umugabo nawe imuha umutima worosha wogukunda gufyinishwa n’umugore.Mugisha
19 Ntwarante 2016, 13:58, par Ferdinand Irakoze
Je Ndavyemeza Can Iyo Ugumye Hafi Yuwukunda Bituma Atangaza Ivyiyumviro Kandi Bituma Abona Ko Umwitayeho.
23 Rusama 2016, 13:59, par Bunametherence
Buname Therence
8 Ruheshi 2016, 20:20, par Hakizimana Firiberi
Umugabo Numugore Wiwe Bokwama Basenga Imana
11 Myandagaro 2016, 20:45, par Melanie
biranyubatse ndakengututse cane
30 Ndamukiza 2017, 17:21, par NDAYIRAGIJE
ABO NTANDERO BAFISE
26 Mukakaro 2017, 20:26, par joseph nishimwe
biranezeye kubona uwukunda akunezereza murivyose !!!!!!