Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukraine : Umukuru w’igihugu agiye gushikirizwa sentare mpuzamakungu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ukraine : Umukuru w’igihugu agiye gushikirizwa sentare mpuzamakungu (...)

Ukraine : Umukuru w’igihugu agiye gushikirizwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Inama nshingamateka y’igihugu ca Ukraine igiye kurengutsa uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Ukraine iheruka gukombora mu mabanga yiwe, Lanoukovitch, muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kugira abazwe ku vyerekeye ubwicanyi bwakorewe abantu bari mu myiyerekano muri ico gihugu.

Umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Ukraine, Olexander Turchynov aratewe impungenge n’ikibazo gikomeye ko igihugu ca Ukraine gishobora gucikamwo ibice bibiri. Ivyo umukuru w’igihugu yabivuze inyuma y’aho uwahoze ari umukuru w’ico gihugu, Viktor Yanukovych akombowe mu mabanga yiwe n’inama nshingamateka.

Abantu benshi mu karere kavuga ururimi rw’ikirusiya muri ico gihugu barashavujwe n’ikomborwa ry’umukuru w’igihugu Yanukovych, kugeze ubu mbere irengero ryiwe rikaba ritaramenyekana.
Inama nshingamateka yo muri Ukraine yafashe ingingo yo kwitwarira uwahoze ari umukuru w’igihugu muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye, akaba yagirizwa ubwicanyi bwagiriwe abantu bari mu myiyerekano. Ariko avugira i Kiev, uwusanzwe ashinzwe imibano n’amahanga mu muryango w’ubumwe bwa buraya, Catherine Ashton, yavuze ko abari mu mugambwe wa Yanukovych bategerezwa gushirwa muri Reta nshasha ihurikiyemwo bose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.