Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukubana neza mu rugo bitanga amagara meza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ukubana neza mu rugo bitanga amagara meza

Ukubana neza mu rugo bitanga amagara meza

lundi 8 Mukakaro 2013

Inabukwe, abana, ibiganiro vyo ku mboneshakure, amahera n’ibindi bntu vyinshi bituma abantu bubakanye baduka bagashwana. Icigwa kimwe c’abantyamerika kiraterwa ingorane ku magara y’abantu ziva kuri ukwo kwutumvikana, aho mupfa utuntu tutagira akamaro. Ico cigwa kikaca cerekana ukuntu urugo rushobora kubaho ruryohewe.

Mu myaka 20, icigwa carishinze kwiga inkwirikizi ku magara y’umuntu zishobora kuba ziterwa n’ukwo gushwana mu muryango. Ngo ukubaho kwa misi yose ku bantu bakuze 1700 bubatse nibo bagizweko amatohoza. Muri ibi binjana bibiri biheze , amagara y’abantu, ivyerekeye ibigumbagumba, vyaratohojweko. Ngo abubakanye bategerezwa kuraba ibintu vyose vyo mu buzima bwabo bagahindura ivyagenda nabi bikagenda neza.

Ico cigwa casanze abubakanye baguma bashwana gake kabaho, bafise amahirwe yo kubaho bafise amagara meza imisi myinshi. Benshi bari basanzwe bazi ko ugushwana hagati y’abubakanye bituma urugo rudakomera, ariko ntavyo twari tuzi ko bishobora kugira icovyonona ku magara y’abobubakanye. Igiteye ubwoba ngo ni uko abantu babanye batameraniye neza, uguhahamuka, ishavu rirenze, kubura itiro hamwe no kudafungura neza.

Rick Miller, umwigisha kw’ishure Family life i Fervente Brigham young muri Leta zunzubumwe za Amerika, avuga ko ukwutumvikana mu rugo bishobora gutuma umuntu agira ingorane zo mu mutwe hamwe no mu mubiri. Mu kinyamakuru candika ku vyerekeye ubugeni hamwe n’ingo n’imiryango, baragabisha abubakana bakunda gushwana ngo iyo gushwana kwabaye kwinshi, n’amagara y’umuntu arashobora kuhagirira ingorane.

Urugo rubayeho neza ruryohewe hari ingorane ruba rwirinze. Nk’akarorero nta mwitwarariko wa buri munota, usanga basangira mu gufungura. Ukubaho ku munsi ku munsi kw’urugo atabibazo rufise usanga ari urugo rukomeye kandi ruzi kurengana ingorane zose zishobora kurushikira kandi usanga bafatana mu nda mu ngorane zose zibashikira.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.