IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Ukugumiza Mbonimpa mu munyororo vyerekanye ko abacamanza batigenga"

"Ukugumiza Mbonimpa mu munyororo vyerekanye ko abacamanza batigenga"

mardi 10 Ruheshi 2014

Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bamenyesha ko ingingo yafashwe yo kumugumiza mu munyororo yerekana ko abacamanza bakurikirana urubanza rwiwe batagira umwidegemvyo, ivyo bakabishikiriza bisunze ko mu rubanza basa n’abatahura ivyasiguwe n’abo bamuburanira mu bijanye n’ugusabira Petero Karaveri Mbonimpa umwidegemvyo w’agateganyo.

Umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mubaburanira Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko bari berekanye ko mu gihe yotezurirwa vy’agateganyo, azobandanya yitaba ubutungane, binakenewe abo bamuburanira bakaba bari bemeye ko hotangwa n’ingwati yerekana ko adashobora kuzoreka kwitaba ubutungane.

Nk’uko umushingwamanza Armel Niyongere abimenyesha, bakiriko barabisigurira umucamanza mu rubanza, yasa n’uwuriko arabitahura, ariko bakaba baguye mu gahundwe bumvise ingingo yafashwe yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa. Kubw’umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mubaburanira Petero Karaveri Mbonimpa, iyo ngingo y’ukumugumiza mu munyororo yerekanye ko umucamanza yafashe iyo ngingo atigeze ahabwa umwidegemvyo.

JPEG - 66.4 ko
Umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mubaburanira Petero Karaveri Mbonimpa

N’aho iyo ngingo yafashwe itunguruzwa, umushingwamanza Armel Niyongere asaba ko mu kurindira ko Petero Karaveri Mbonimpa ashikanwa mu butungane mu ntahe y’icese, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, mu matohoza yiwe, yokoresha ububasha ahabwa n’amategeko, akarekura vy’agateganyo uwo mukuru wa APRODH, kuko n’ubundi yahagaritswe n’amategeko atubahirijwe.

Ku ruhande rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bavuga ko naho iyo ngingo yabatangaje batarota badebukirwa mu rugamba biyemeje rwo gusaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa. Pacifique Nininahazwe, umwe mubahurikiye muri ayo mashirahamwe, akaba ari no mu batanguje isekeza "Vendredi vert", amenyesha ko ibikorwa vy’ugusaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa bigiye kubandanya.

JPEG - 44 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.