IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukunganisha ibitsina ntibirashika ku rugero rushimishije

Ukunganisha ibitsina ntibirashika ku rugero rushimishije

mercredi 5 Ntwarante 2014

Abapfasoni nabo barafise uruhara rudasanzwe mu gufumbatira amahoro n’iterambere, mu gihe hobaho ukunganisha ibitsina ku bagabo n’abagore, hoshobora kuba isi itekanye, ivyo bikaba vyashikirijwe na Irina Bokovu umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO(United nations scientific and cultural organisations ).

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi ni akaryo ko kuraba intambwe imaze gushikwako mu vyerekeye ukunganisha ibitsina, hamwe n’ubwigenge ku bakenyezi, bishikirizwa na Irina Bokova umukuru w’ishirahamwe UNESCO. Naho hari vyinshi bimaze gukorwa, ariko intambwe iracari kure kugira habeho ukunganisha ibitsina kw’isi nzima. Nta gihugu na kimwe kirashikira ukunganisha ibitsina canke abakenyezi, banezererwe uburenganzira bwabo vyukuri. Ico rero kirakwiye kugira abakenyezi babandanye bashimikira kuri ico kintu c’ukunganisha ibitsina hamwe no gukomeza uburenganzira bw’abapfasoni muri wa mugambi w’iterambere kw’isi.

Abakenyezi bafise uruhara runini mu gushiraho isi ifise amahoro . Ni co gituma abakenyezi bakwiye kuba maso mu kugira uruhara rudasanzwe kugira nabo baronke uburenganzira bungana n’abagabo mu bice vyose. Agira ati :’’ Ndabizi neza mu gihe abakenyezi bogira ubwigenge(autonomisation ) koca kaba akaryo ko kuronka isi itekanye irimwo amahoro.

Tubibutse rero kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante ari umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi uno mwaka ukazohimbarizwa muri komine Gasorwe iri mu ntara ya Muyinga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.