Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Burundi : Abarundi basabwa kwijukira kurima kijambere
Burundi : Abarundi basabwa kwijukira kurima kijambere
mercredi 29 Nzero 2014
Ukurima kijambere birafasha mu butunzi bw’umuryango, ndetse bigatuma ivyimburwa vyiwe bisahiriza mu bindi bikorwa, bikagabanya kwama umuntu yitwararika iyo azokura amafaranga yo guhemba abamukoreye, canke amafaranga y’umwavu. Ivyo bikaba bimenyeshwa na Anicet Ndoricimpa, umurimyi mworozi wo mu ntara ya Kayanza.
Ndoricimpa yarijukiye cane kurima kijambere n’ukworora. Afise umurima w’ibitoke, aho igitoke kimwe gusa gishobora gupima ibiro bigera kuri 50. Ivyo akavuga ko bimufasha, na rirya bimwe aca abishoba, amafaranga avuyemwo agahemba abakozi bamufasha gutunganya indaro y’ibitungwa, ayandi nayo agahemba abakora mu mirima, mu giheibindi nawe abifungura n’umuryango wiwe.
Ndoricimpa abandanya avuga ko ata n’ingorane y’umwavu agira, kuko awukura mu bitungwa vyiwe. Akaba yoroye ingurube, inka n’inkoko. Uyo murimyi mworozi, akaba ahanura abandi barimyi bo mu Burundi, kwijukira kurima no kworora kijambere, kuko bitunga umuryango, bikagabanya ubukene bwugarije imwe mu miryango, bakareka kwama bitwararika imbuto za kera canke zitarobanuye.
Aristide Nizigire
Messages
7 Ruhuhuma 2014, 16:53, par Fulgence NSABUMUREMYI
Jewe nariboneye, kuri TV imirima n’ibitungwa bitandukanye atunze, ndamushima nukuri uravye n’abantu yahaye akazi ahubwo akwiye agashimwe. Leta ikwiye kwitwararika abantu nkabo mukubafasha mumigambi yiterambere
29 Myandagaro 2015, 10:40, par ngendakumana jean
turashima umugambi mwiiza yagize mukwiyumvira igitegwa c .igitoke kuk gitez imbere imiryango mwishi mukuronsa akazi bantahonikora ekambe nabafise ubumeyi muvyohingugwa mugitegwa cigitoke nkaba ndangije ndamushimi no kuyindi migambi yimirije kuturonsa
29 Myandagaro 2015, 10:41, par ngendakumana jean
turashima umugambi mwiiza yagize mukwiyumvira igitegwa c .igitoke kuk gitez imbere imiryango mwishi mukuronsa akazi bantahonikora ekambe nabafise ubumeyi muvyohingugwa mugitegwa cigitoke nkaba ndangije ndamushimi no kuyindi migambi yimirije kuturonsa