Accueil > Amagara y’abantu > Ukwinonora imitsi bishobora gukiza ibicurane
Ukwinonora imitsi bishobora gukiza ibicurane
mardi 22 Ndamukiza 2014
Mu cirwa cakozwe n’abashakashatsi b’abongereza, basanze ukwinonora imitsi bifise inguvu n’ubwoshobozi bwo kuvura zimwe mu ndwara ziba zatewe n’imigera iciye mu miyaga. Akarorero, indwara y’ibicurane (grippe).
Ugutambuka n’amaguru, ukwiruka, kwinonora imitsi n’ikinga canke hakoreshejwe ubundi buryo bwo kwinonora, ntibifasha gusa kunonora umubiri canke mu kuvura indwara zivuye ku mirindi y’amaraso, ariko biravura n’uduhimba twose tugize umubiri (système immunitaire) dushobora gufatwa n’imigera iciye mu miyaga.
Icirwa cerekana ukungene ukwinonora imitsi bifise ubushobozi bwo kuvura indwara y’ibicurane (grippe) naho umurwayi atofata imiti muri ako kanya. Ico cirwa cerekanywe n’abashakashatsi b’abongereza mu nama yari yabereye mu gisagara ca Londres, kw’ishure ry’ubuvuzi ryitiriwe “London School of Hygiene and Tropical Medicine”.
Muri ico cirwa, bavuga ko iyo umuntu yinonoye imitsi kenshi gashoboka, nka’amasaha abiri mu ndwi, bituma umubiri urindwa ukurwara indwara y’ibicurane kubw’abasoda bakingira umubiri ku migera itera iyo ndwara baba bakomejwe.
Amahotoza kuri ico cirwa akaba yakorewe ku bantu bagera ku 4800. Ku matohoza ashika ku gihumbi, basanze 100 muribo, barakingiwe imigera itera indwara y’ibicurane, bivuye ku masaha abiri n’igice ku ndwi yakoreshejwe mu kwinonora imitsi.
Naho vyirwa vyakozwe vyerekana ukungene ukwinonora imitsi bifise ubushobozi mu kuvura indwara y’ibicurane, muganga Amla agabisha abantu, avuga ko atawoca yijajara mu kwifata ukariko canke mu gufata ico cirwa nk’umuti ntasubirizwa kuko n’ivyirwa kuri ayo matohoza bitarahera gukorwa.
BUKURU Mariella