Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mohamed Rukara : "Ukwo mwipfuza ko Uburundi buba niko buzoba !’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mohamed Rukara : "Ukwo mwipfuza ko Uburundi buba niko buzoba !’’

Mohamed Rukara : "Ukwo mwipfuza ko Uburundi buba niko buzoba !’’

mardi 27 Rusama 2014

Mw’ihuriro ry’urwaruka ruhurikiye mu migambwe ryateguwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi bifashanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika, urwaruka rwasabwe kuba urwa mbere mu gutsimbataza amahoro mu gihugu.

Muri urwo ruganda rw’iminsi ibiri, rwatanguye kuva kuri uyu wa 27 gushika ku wa 28 Rusama, imigambwe ishika 26 ikaba ariyo yarungitse abayiserukira muri iryo huriro. Urwaruka rurongoye urundi mu migambwe, ndetse n’uruva mu gihugu hagati, rukaba rwari rwahishikiye, ndetse bose bicaranye.

Yaba Parfait Onanga Anyanga canke umupfasoni Dawn Liberi aserukira igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika mu Burundi, bakaba basavye urwo rwaruka mu majambo bashikirije, gufatana mu nda, bakarwaniriza hamwe ukutihanganiranira mu vyaporitike, maze ibiganiro bikama bija imbere. Urwaruka rwitavye ivyo biganiro, rukaba rwamenyeshejwe ko, arirwo Burundi bw’ejo, rukamenyeshwa ko rugiye hamwe mu gufumbatira amahoro, atacobuza amakungu nayo, aza kurufasha mu migambi y’iterambere.

Eka n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yari yaserukiye Reta muri ivyo biganiro, akaba yasavye urwaruka ruhurikiye mu migambwe kudahendwa n’abanyeporitike, ahubwo baje hamwe mu kwubaka Uburundi. Ku bwa Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yasavye urwaruka rwari ngaho, gufashanya n’abarongoye imigambwe yabo, mu bikorwa vyo gusubiza hamwe kw’abarundi, aho kwama bisamburirako nk’impene zo muci, bakama mu ndyane.

Urwaruka rero rukamenyeshwa ko ukwo rwipfuza ko Uburundi buba, ariko buzoba. Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara ari nawe yuguruye iryo huriro ry’urwaruka ruhurikiye mu migambwe, akavuga ko uguhura kw’urwaruka ruri mu migambwe ari nkenerwa, ari naco gituma mu minsi, igikorwa nk’ico kizobera no mu yindi micungararo y’igihugu.

Mwomenya ko iryo huriro ry’urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye ryari ryatumiwemwo na bamwe mu bashikiranganji ba Reta y’Uburundi, abaserukiye inama nshingamateka, abakuru b’imigambwe, abaserukira amadini, abarongoye intara, abaserukira ibihugu vyabo n’abandi bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, abari mu bakurikirana ivy’amatora, n’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • BOHINDURA IKI KO BAFISE CONSIGNES Z IMIGAMBWE BAVA MWO ..RUKARA ARABIZI KO IMBONERAKURE ZIFISE MISSION YO KUBUZA ABANDI NGO NTIBAKORE DONC NTIBABAKURE KU BUTEGETSI ..NTA KINDI NAWE ARABIZI ...

  • BOHINDURA IKI KO BAFISE CONSIGNES Z IMIGAMBWE BAVA MWO ..RUKARA ARABIZI KO IMBONERAKURE ZIFISE MISSION YO KUBUZA ABANDI NGO NTIBAKORE DONC NTIBABAKURE KU BUTEGETSI ..NTA KINDI NAWE ARABIZI ...

  • Aho muriko muta umwanya wubusa kuko Eduard ivyavuga nivyakora ntanahoho bihuriye rero iyo mukoranije abantu nkabo bafise ubwenge mugaca muja ngaho mugasiga amavuta ibiganiro ariko . Muvuye ngaho muggaca mukora ibindi nuguta umwanya gusa .

  • Ivyo bavyita guhuma amaso amakungu kuko ivyo bavuga canke bandika bihushanye nivyo bakora ariko hejuru yavyose na bose har,Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.