Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umubikira yiketse ko arwaye ikiryi (estomac) arikwo kwibaruka umwana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umubikira yiketse ko arwaye ikiryi (estomac) arikwo kwibaruka umwana (...)

Umubikira yiketse ko arwaye ikiryi (estomac) arikwo kwibaruka umwana w’umuhungu

lundi 20 Nzero 2014

Umubikira aheruka kwibaruka umwana mwiza w’umuhungu, ariko avuga ko atari azi iyo mbanyi, wewe yibaza ko arwaye ikiryi «Estomac».

Umubikira afise imyaka 31 ava mu ntara ya El Salvador yo mu gihugu c’Ubutariyano, yatanguye kwumva imisonga mu nda akibaza ko yoba arwaye ikiryi «Estomac». Niko kunyarukanwa kwa muganga ku bitaro vy’i San Camilo. Ashitse kwa muganga, nta mwanya yamaze kuko ca kiryi yibaza ko arwaye, cavuyemwo umwana, intore y’umwana w’umuhungu, afise amagara meza w’ibiro bitatu n’igice (3,5Kg).

Kubera uwo mubikira wa mu kigo c’i Campomoro atari yavyiteguriye, yinjiye aho kwa muganga ata duhuzu tw’umwana atwaye n’ibindi umuvyeyi yibarutse akenera, ariko abanyagihugu bo muri ako karere baciye banyarukana ivya nkenerwa vyose, eka n’ubuganuke butandukanye bwarahawe uwo muvyeyi. Uwo nyene yemeza ko umwana azomurera nk’abandi bavyeyi. Umubikira mukuru muri ico kigo, «Soeur Herminia» yashikirije ijambo avuga ko uwo mubikira vyamunaniye kwihangana ariko ko ata muntu yarenganije, asaba ko urusaku rwoba ruke kuko bibaho. Umwana baciye bamwita Francisco, kugira aze yisunge akarorero ka Papa Francisco, umwungere wa Ekereziya gaturika.

Ntawuzi ko iyo mbanyi yasamwe ata gicumuro cakozwe kuko uwo mubikira yemeza ko atayo yaca ikanda.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.