Accueil > Diaspora > Umubonano wa Petero Nkurunziza n’abarundi bo muri Pays bas
Umubonano wa Petero Nkurunziza n’abarundi bo muri Pays bas
lundi 9 Kigarama 2013
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yahuye n’abarundi baba mu gihugu ca Pays bas, abo barundi bakaba baronkeyeho akaryo ko kumubaza ibibazo bimwe bimwe vyari bibaraje ishinga.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarahuye ku munsi w’Imana n’abarundi baba mu gihugu ca Pays bas. Kari akaryo kuri abo barundi ko kumwibariza ibibazo bimwe bimwe. Hari ikibazo ku vyerekeye inganishwa ry’imishahara. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yishuye ko ico kibazo bamaze kuciga kija kiri mu minwe y’abakijejwe. Mbere yabishuye ko ingingo yo kutarihisha amakori n’amatagisi abakozi bahembwa amafranga ari munsi y’ibihumbi 150 vy’amarundi ari kamwe mu twigoro Reta iriko irakora mu vyerekeye ukunganisha imishahara, kuko bigoye kugabanya imishahara yitwa ko ari minini kandi iba yamaze kuronka ba nyeneyo.

Ikindi kibazo gisa n’icari kibaraje ishinga, ni icerekeye akarere k’Afrika y’Ubuseruko aho ibihugu bitatu, Urwanda, Kenya, Uganda bakumiriye Uburundi na Tanzaniya. Abo barundi baba mu gihugu ca Pays bas bagihagazeko cane. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishuye ko icuka co kwinubana cari kimaze iminsi kihari hagati y’ivyo bihugu gisa n’icahavuye. Ubu mbere bakaba bakorana neza nk’uko vyabandanijwe bivugwa na Petero Nkurunziza.
Floxella Karire