IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuco urakenewe ku vyashikiye ibanki nkuru y’igihugu

Umuco urakenewe ku vyashikiye ibanki nkuru y’igihugu

mardi 22 Ndamukiza 2014

Abanyagihugu baratewe umutima uhagaze n’inkuru yaraye iravugwa y’ibanki nkuru yoba yaraye irafumba umwotsi. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE akaba asaba inzego zibijejwe gukingira ibibanza bikomakomeye mu buzima bw’igihugu.

Pacifique Nininahazwe, nk’umwe mu banyagihugu bakurikiranira hafi ibibera mu gihugu ciwe, amenyesha ko yatangajwe n’ivyaraye bibaye, mu gihe hari hamaze imisi hari urukurukuru ry’uko ibanki nkuru y’igihugu iri mu gusha. Aha akibaza koko namba arivyo vyaraye bihatswe kuba ariko Imana igakinga, canke naho ari ibintu vyateguwe mu ntumbero yo kuraba ingene abantu bovyifatamwo hamwe biramutse bibaye.

Pacifique Nininahazwe arashima ukungene abayobozi b’iyo banki bihutiye kumenyesha ibiriko biraba n’icoba cabitumye kugira bahumurize abanyagihugu. Abo nabo bigaragara ko birajwe inshinga n’ibibera mu gihugu cabo. Ivyo bikaba vyabonekeye mu buryo bahishikiye ari benshi cane naho amasaha yari akuze.
Kumwe n’abandi banyagihugu, Pacifique Nininahazwe aribaza ico urya mwotsi wose wavuyeko mu gihe igikorwa co guturira amanoti ashaje cari gisanzwe gikorwa kuva mbere. Aranongera akanibaza impavu ico gikorwa cakozwe arya masaha y’ijoro, aboneraho gusaba ko amatohoza akwiye yoba mu ntumbero yo gutanga umuco kuvyaraye bibaye, gutyo ntibize bisubire.

Kuvyerekeye ingaruka zoba mu gihe ibanki nkuru yosha, Pacifique Nininahazwe avuga ko bibaye ryoba ari uruhombo runini cane ku gihugu kuko iyo banki ari ikigega c’igihugu, niho amafranga ya Reta n’ayandi mabanki abikwa. Niho hasanzwe habikwa n’impapuro zerekana uburyo iyo banki ikorana n’ayandi mabanki. Vyumvikana ko iyo isha ibikorwa vy’ayandi mabanki bica bisa nk’ibihagaze, eka n’ibikorwa vy’abitura izo banki vyose vyaca bihagarara.

Ararangiza asaba Reta na cane cane inzego zibijejwe, ko zokingira ibibanza bikomeye mu buzima bw’igihugu, kuko uno musi ari ibanki nkuru y’igihugu ejo hashobora kuba ahandi.


Isabelle Simbarakiye

Messages

  • Murabire neza mubakozi biyo bank nyene,cane cane kuyo muntu yari ajejwe guturiza ayo manoti ashaje,kuko yari kuyaturira hakibona kumurango.mwongere murabire neza kuba nyezamu bajejwe kuha cunga,ikindi pacifique nokubwira naho wama werekeza urutoke kubari kubutegetsi,uraraba uzozindi ntoke zica ziraba kuri opposition.abo base harimwo ababi nabeza,cane cane kwabo bashaka gushikira ubutegetsi kunguvu nimba batabona ko vyari magera vyagerutse,aho nawewe nyene pacifique urimwo!!,uraraba mukugira ivyo ushikiriza uja hagatinahagati.ureke guhengamira kuri oposition.kandi wirinde kuza witanganiza kugira ivyushikiriza kuma Radio.kwama witerera imbere sivyiza cane.

  • budya uwomugabo kwama yoterera imbere afite ico arondera kandi azoruhika akigezeko niba bizoshoboka ntamunsi numwe uwomugabo ntomwumva kwiradio .. sinibaza ko arivyo bizomushikana kuvyo yipfuza twebwe abanyagihugu .. beshi ndavuze beshi abarenga gato 85% tuba tumwiboneramwo ibindi bintu hamwe nabo bavuga rumwe tuzobereka mumwaka uza 2015 nabona abo avugira amajwi barose azoturiya. gira amahoro.

  • Ariko Pacifique ashakakwemeza abarundiko abagize iyi reta ihari badakundigihugu kunguvu! Nguworero ngwaserukira ishirahamwe ridaharanira inyungu, Umuntu abacitegura kugira icavuze ukacawumva yitaye mundrya ubworero sikindi abigirira nukugira yiterere hejuru avugango; iyontabahimiriza ngontacobarikuvuga ngontimubonyeko inyuma yokubibasaba ko bogiricobavuze arihobabonye kuvuga, Ahokwama wifatiye muvyara abarongoye igihugu ngontuharanira ivyicaro muri reta wopfuma werura ukavugako uharanira kuzokwama wifatira mugahanga reta.

  • Pacifique niwe aserukira abatavuga rumwe na Leta. Kandi ariko aritegura politiquement azova muri FOCODE aca agira umugambwe wiwe .natitoza muri 2020 muzoba mumbwira mugabo bakazomutora azokora nkuko Micombero yakoze guko antera amakemga he talks too much.

  • yakwitoza se umuntu nkuwo ngo abe president ? ngivyo ibitazoshoboka ko umutuzi azongera gutwara muntwaro yitorewe nabahutu 85% baba iburundi ... abahutu ba Nditije barihi nkukwo dufite nabatutsi ba edward nduwimana ariko ndakurahiye ko isi izarinda ivaho atamututsi asubiye kwitwa umwami w’Uburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.