Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabo ashaje kurusha abandi kw’isi yitavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugabo ashaje kurusha abandi kw’isi yitavye Imana

Umugabo ashaje kurusha abandi kw’isi yitavye Imana

mardi 19 Nzero 2016

Umugabo Arusha imyaka abandi bose kw’isi Yasutaro Koide yitavye Imana mu gihugu c’Ubuyapani afise imyaka 112.

Yasutaro Koide, yaba mu gisagara ca Nagoya, yavutse kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 1903, akaba yakoze akazi ko kubarira impuzu igihe yari akiri muto.
Yashizwe ku rutonde rw’umuntu afise imyaka myinshi gusumba abandi na Guiness Book Records, mu mwaka uheze.

Amakuru dukesha BBC, amenyesha ko, Yasutaro yitavye Imana ahitanywe n’indwara y’umutima n’umusonga ku musi wa kabiri,igenekerezo rya 19 Nzero 2016.
Igihe yabazwa ibanga rituma aramba, igihe yari akiri muzima, bivugwa ko yahanuye abantu kutiruhisha cane ku kazi, kandi babeho binezereza.

Ntibiramenyekana uwundi mugabo asigaye afise imyaka myinshi kw’isi.
Gushika ubu, umupfasoni afise imyaka myinshi kw’isi ni Susannah Mushatt Jones, afise imyaka 116.

Yagiye muri ico kibanza mu mwaka uheze, inyuma y’urupfu rwa Misao Okawa wo mu Buyapani, yitavye Imana afise imyaka 117.

Umuntu wa mbere yamaze igihe kirekire kw’isi nk’uko bimenyeshwa na Guinness, ni umufaransa Jeanne Calment, yabayeho imyaka 122 n’imisi 164.

Yitavye Imana mu kwezi kwa cumi mu 1997


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.