Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugabo n’umugore nibo bakwiye kwivuganira ibijanye n’irondoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umugabo n’umugore nibo bakwiye kwivuganira ibijanye n’irondoka

Umugabo n’umugore nibo bakwiye kwivuganira ibijanye n’irondoka

lundi 29 Mukakaro 2013

Umwungere wa Archidiocese ya Gitega Musenyeri Simoni Ntamwana avuga ko, ikibazo kijanye n’ukuvyara ku rugero, ko coba ikibazo hagati y’umugabo n’umugore, kandi bikaba ari vya nkenerwa na cane cane ko Uburundi buri mu bihugu bikenye vyo muri Africa ndetse no kw’isi yose.

Uwo yasubiriye umuhisi Yohakimu Ruhuna yahoze arongoye Dioceze ya Gitega, igihe yariko avuga ku bijanye n’igwirirana ry’abantu hano mu Burundi, yerekanye ko Ekleziya Gatorika itemera ko abavyeyi bogabanya imvyaro hakoreshejwe uburyo bwa kijambere, aho twovuga nk’ibinini, utunyuzi, udukingirizo, n’ibindi. Musenyeri Ntamwana akaba yavuze n’ibitari vyitezwe ko vyovugwa n’abayoboye amasengero, mukuvuga ko Leta idafise ububasha bwo gutegeka igitigiri c’abana bakwiye kuvuka mu muryango. Kubw’ivyo, mwokwibuka ko Leta yavuze ko abubatse badakwiye kurenza abana baibi mu muryango.

Ku bwa Musenyeri Ntamwana, Uburyo bumwe bwonyene bwemewe, n’umwumvikano hagati y’umugabo n’umugore, kugira birinde kurangura amabanga y’abubatse mu kiringo co kurondoka. Mu yandi majambo, ni ukwo abubakanye b’abakirisu bokora ibidashobokera abandi, batemera, uhereye mu bihugu biteye imbere, aho igikomeye muri vyo gifise ububasha bwo kugera ku kwezi ariko ububasha bwo « gushira ku murongo » abubatse baba bari muburyamo bwabo, bakaba atabwo bagira.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.