Accueil > Imibano > Amabi > Umugabo yahukanye kubera umugore wiwe atanyurwa n’amabanga y’abubatse
Umugabo yahukanye kubera umugore wiwe atanyurwa n’amabanga y’abubatse
lundi 1er Nyakanga 2014
Ingorane ziba hagati yabubakanye ziratandukanye, hari izihanganirwa n’izindi zinanirana, zikavyara kwahukana. Zimwe muri izo harimwo ukudashira inambu y’amabanga yabubatse bigirwa n’umugore canke umugabo. Umugabo wo mu gihugu c’Ubuhindi yahavuye yisabira kwahukana kubera umugore wiwe yaguma ashaka ko bagira ayo amabanga.
Uwo mugabo wo mu gihugu c’Ubuhindi yagize ubugeni muri Ndamukiza umwaka w’i 2012. Kuva ico gihe yamenye mu nyuma ko umugore wiwe atigera ashirwa iyo bagize amabanga y’abubatse "l’insatiable appétit sexuel". Uwo mugabo yarasigaye abona umugore wiwe nk’igikoko. Uwo mugore amaze kubona umugabo atabishobora, yaciye arondera imiti yomwongereraza inguvu kugira bikunde amushikire ku nyota.
Niko uwo mugabo yateba akitura ubungane bw’i Bombay mu burengero bw’Ubuhindi. Mu birego vyiwe yavuga ko umugore wiwe yamuriye umutima kubera atigera anyurwa n’amabanga y’abubatse, yaranavuze kandi ko yagiye no mu bitaro kubera ico gikorwa kitamworoheye. Sentare imaze kumwumviriza, umucamanza yaciye amusabira kwahukana.
Umucamanza yagize ati:"Umugabo aramutse yitabariza n’uko abonako kwihangana vyanse, yarengewe. Asigaye abona umugore wiwe nk’igikoko kije kumurya".
Ivyo vyashikiye uwo mugabo hari n’abandi bishikira hirya no hino ariko bakabigira ibanga uwo rimena ryomumena umutwe, ariko vyongeye ni ihwa ritoroshe guhonyorako.
Cherif Nkeshimana
Messages
2 Nyakanga 2014, 08:51, par mutaho
Aronderere mu Rwanda Abapfubuzi!
2 Nyakanga 2014, 14:06, par jewe
Uyo mugore arafise akagwara ahubwo nukumuvuza canke bamuzanire cheval niyo yomuhamya
3 Nyakanga 2014, 02:07, par Nshimirimana
Uwo mugabo ashobora kuba atazi nez à gutegura umugore wiwe imbere yo gutangura igikorwa nyezina.gutegirana Navy ningombwa kandi biratuma umwe n’uwundi habamwo gushikirana umwe wese aho agomba.ntimukabe nkibiturwa câble ibikoko bitagira ubwenge.
3 Nyakanga 2014, 15:51, par JAJA
ahubwo usanga aruwo mugabo atarazi akazi!!?canke yabigira nibigirankana ushobora gusanga uwo mugabo yarafise uwo mugambi wo kwahukana nuwo mug ore agaca arondera urwo rwitwazo.kuko ntivyumvikana ukuntu umugabo ariwe yari gusaba ngo bahukane kandi nuwo mugore atashikigwa kunyota atari bwavuge ko yananiwe.iyaba hoho nyamugore yaca aja kurondera abandi bagabo hama ugwitwazo rukaba ugwuko acaza kurengibigo ahoho vyumvika
26 Ndamukiza 2016, 21:15, par IRANKUNDA Triphon
Jewe Mba Ikarusi,nkabanagomba, Ndababaze Akabazo , Gatoyi. Mbebishitse Ukazana Umugore,afise Igitsina Gitoyi Canke Atanyaza,amazi Akwiye Wewe Urumugabo Wovyifatamwo Gute?
19 Rusama 2016, 14:43, par Anicet
Ndumva Vyaribitoroshe
19 Rusama 2016, 14:44, par Anicet
Ndumva Vyaribitoroshe
4 Gitugutu 2016, 11:50, par Mukongomani Emmnuel
Ntibari Basheze Hamwe Bari Kubivugana Hanyuma Umugore Akihangana Nigihe yarinkumi Yarihangana Atihangana Naho Yahora Asambana
4 Gitugutu 2016, 11:52, par Mukongomani Emmnuel
Ntibari Basheze Hamwe Bari Kubivugana Hanyuma Umugore Akihangana Nigihe yarinkumi Yarihangana Atihangana Naho Yahora Asambana
24 Munyonyo 2016, 10:35, par Rukundo Sadiki
None Nabagore Birabageraho ? Bwabubiragoye UwobishoborayNone Nabagore Birabageraho ? Bwabubiragoye Uwobishoborayobireka.
9 Ntwarante 2017, 11:36, par sibobugingo j berchimans
ingwara ninyishi nkuko habaho uwutigera abishaka nagato nuwo nguwo abishaka kurugero rwo hejuru ategerezw kubonek!